8 : 69
فَكُلُواْ مِمَّا غَنِمۡتُمۡ حَلَٰلٗا طَيِّبٗاۚ وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَۚ إِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٞ
Kuva ubu rero, murarekuriwe gufungura mu minyago n’imbohozo, biri no mu vyiza murekuriwe, mwongere mutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.