Skip to content
الأعرَاف /

Ayah 58

7 : 58

Ayah 58 of الأعرَاف (7 : 58). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

الأعرَاف Ayahs 206
Surah · الأعرَاف
Ikirundi · Gehiti
7 : 58

وَٱلۡبَلَدُ ٱلطَّيِّبُ يَخۡرُجُ نَبَاتُهُۥ بِإِذۡنِ رَبِّهِۦۖ وَٱلَّذِي خَبُثَ لَا يَخۡرُجُ إِلَّا نَكِدٗاۚ كَذَٰلِكَ نُصَرِّفُ ٱلۡأٓيَٰتِ لِقَوۡمٖ يَشۡكُرُونَ

Burya isi y’akanovera iyo ironse imvura, ibiterwa vyayo biraheza bigatotahara bikera ku burenganzira bw’Imana yayo Rurema Allah; nayo isi ititutse, ibiterwa vyayo ntivyera kiretse ibihumbwa gusa, naho nyene bigoranye. Ni nk’uko nyene rero - Dutanga uburorero butomoye - Dutanga ivyemezo vy’ubwoko bwose vyerekana ukuri ku bantu bashima inema z’Imana Allah, bagaheza bakayumvira.

Explanation & meanings · 2
  1. Ni nk’uko nyene rero umwemeramana iyo yumvise Aayah z’Imana Allah, ziramwungura zikamwereka ubuzima bwiza.
  2. Ako, ni akarorero k’umugarariji agira amanyama, n’aho yokwumva Aayah z’Imana Allah nta co zimwungura.