7 : 41
لَهُم مِّن جَهَنَّمَ مِهَادٞ وَمِن فَوۡقِهِمۡ غَوَاشٖۚ وَكَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلظَّٰلِمِينَ
Bazokwinjira rero mu muriro wa Jahannamu, ukaba ari na wo bategekanirijwe kuba ubusaswa n’ivyo kwipfuka. Ni nk’ivyo bihano rero Twebwe Allah Duha abirenganya mu kurenga ku mabwirizwa yacu.