6 : 58
قُل لَّوۡ أَنَّ عِندِي مَا تَسۡتَعۡجِلُونَ بِهِۦ لَقُضِيَ ٱلۡأَمۡرُ بَيۡنِي وَبَيۡنَكُمۡۗ وَٱللَّهُ أَعۡلَمُ بِٱلظَّٰلِمِينَ
Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Iyo nza kuba mfise ubushobozi bwo kwihutisha ibihano musaba, nobahanye, maze rugacibwa hagati yanje na mwe. Burya Imana Allah Irazi cane abirenganya mu kurenga ku mabwirizwa yayo bakayibangikanya”.