52 : 24
۞ وَيَطُوفُ عَلَيۡهِمۡ غِلۡمَانٞ لَّهُمۡ كَأَنَّهُمۡ لُؤۡلُؤٞ مَّكۡنُونٞ
Bazoba bakikijwe n’imisore myiza, ikurakuranwa mu kubazimana; uyibonye, ku bwiza bwayo wogira ngo ni lulu zikiri aho zaremewe, zitarakorwako n’iminwe y’abantu.
Explanation & meanings · 1
- Lulu, ni ubwoko bw’ubutare bwiburungushuye, bucukurwa mw’ibahari, bukaba buboneka mu binyabuzima biba musi yayo, bukagira amabara atandukanye; nk’ibara ryera, iryirabura, n’ayandi. Ni ubutare buzimvye cane.