Skip to content
المَائدة /

Ayah 97

5 : 97
المَائدة Ayahs 120
Surah · المَائدة
Ikirundi · Gehiti
5 : 97

۞ جَعَلَ ٱللَّهُ ٱلۡكَعۡبَةَ ٱلۡبَيۡتَ ٱلۡحَرَامَ قِيَٰمٗا لِّلنَّاسِ وَٱلشَّهۡرَ ٱلۡحَرَامَ وَٱلۡهَدۡيَ وَٱلۡقَلَٰٓئِدَۚ ذَٰلِكَ لِتَعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ يَعۡلَمُ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِ وَأَنَّ ٱللَّهَ بِكُلِّ شَيۡءٍ عَلِيمٌ

Al-ka’ba, Imana Allah Yayigize ingoro ntagatifu kugira abantu bubahirize ukwemera kwabo mw’iteka n’itekane, Inaziririza gusotorana no kurwana mu mezi matagatifu, kwiha na kimwe ku mbagwa hamwe no kwihagira imbagwa mu bitungwa vyagenewe abakene basanzwe bacumbitse i Makka. Izo ngingo zafashwe kugira mumenye neza mu vy’ukuri, ko Imana Allah Izi bikwiye ibiri mu majuru no mw’isi vyose, n’uko mu vy’ukuri Imana Allah ari Nyenubumenyikurivyose.

Explanation & meanings · 2
  1. Ayo mezi, ni ukwezi kwa 11 (Dhu l-Qa’da), n’ukwa 12 (Dhu l-Hijja), n’ukwa 1 (Muharram), hamwe n’ukwa 7 (Rajab) ku kirangamisi c’ikislamu.
  2. Nko gufata ingingo zikingira ibiremwa kutarenganya ibindi.