4 : 45
وَٱللَّهُ أَعۡلَمُ بِأَعۡدَآئِكُمۡۚ وَكَفَىٰ بِٱللَّهِ وَلِيّٗا وَكَفَىٰ بِٱللَّهِ نَصِيرٗا
Burya Imana Allah Irazi kubarusha abansi banyu n’urwanko babafitiye. Imana Allah Irakwiye kuba ari Yo Muhagarikizi-Rutunganya, Ibatunganiriza ivyanyu. Imana Allah Iranakwiye kuba ari Yo Muterangoga, Ituma mutsinda abansi banyu.