Skip to content
An-Nisaa-i /

Ayah 16

4 : 16

Ayah 16 of An-Nisaa-i (4 : 16). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

An-Nisaa-i Ayahs 176
Surah · An-Nisaa-i
Ikirundi · Gehiti
4 : 16

وَٱلَّذَانِ يَأۡتِيَٰنِهَا مِنكُمۡ فَـَٔاذُوهُمَاۖ فَإِن تَابَا وَأَصۡلَحَا فَأَعۡرِضُواْ عَنۡهُمَآۗ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ تَوَّابٗا رَّحِيمًا

Nayo abasambana muri mwebwe abagabo, murabahanisha ugukubitwa, kubomora no kubanebagura. Nibaramuka bihanye bagakora ivyiza bitegetswe, murashoka mwirengagiza ukubahana. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenukwumvirabigaya, Nyenimpuhwe ku batoni bayo.

Explanation & meanings · 1
  1. Iyi Aayah n’iyiri haruguru yayo, zirerekana ko abagabo basambanye babangamirwa gushika bigaye. Abagore na bo basambanye bakugaranirwa mu nzu, bagacibwa mu bandi mu gukumirwa gushika bapfe. Iyi ngingo yarubahirijwe mu ntango y’ubwislamu, hanyuma iza guhagarikwa n’ingingo iri mu gisomwa An-Nuuri, Aayah ya 2 ivuga ku gihano co gutera amabuye abasambanye bubatse izabo, mu gihe bigenga, bageze mu bigero, bakwije ubwenge, bakaba kandi barahuje koko ibitsina. Abatubatse bahanishwa ugukubitwa inkoni ijana n’ukwomorwa umwaka umwe.