Skip to content
فَاطِر /

Ayah 8

35 : 8

Ayah 8 of فَاطِر (35 : 8). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

فَاطِر Ayahs 45
Surah · فَاطِر
Ikirundi · Gehiti
35 : 8

أَفَمَن زُيِّنَ لَهُۥ سُوٓءُ عَمَلِهِۦ فَرَءَاهُ حَسَنٗاۖ فَإِنَّ ٱللَّهَ يُضِلُّ مَن يَشَآءُ وَيَهۡدِي مَن يَشَآءُۖ فَلَا تَذۡهَبۡ نَفۡسُكَ عَلَيۡهِمۡ حَسَرَٰتٍۚ إِنَّ ٱللَّهَ عَلِيمُۢ بِمَا يَصۡنَعُونَ

Uwuryoherejwe na shetani ibikorwa vyiwe bibi maze akabibona ko ari vyiza, yoba angana mu butore n’uwarongowe n’Imana Allah mu nzira igororotse, agaheza agatandukanya icatsi n’ururo, maze iciza akabona ko ari ciza, ikibi na co akabona ko ari kibi! Mu vy’ukuri Imana Allah, Ihubisha uwo Ishatse ku bugaba bwiwe, Ikarongora uwo Ishatse ku bugamburutsi bwiwe. Ntumwa y’Imana! Ntukicwe rero n’intuntu kubera ubugarariji bw’abaryoherejwe ivy’isi, mu vy’ukuri Imana Allah ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibintu vyose bakoze kw'isi kandi Izobibahembera.