34 : 8
أَفۡتَرَىٰ عَلَى ٱللَّهِ كَذِبًا أَم بِهِۦ جِنَّةُۢۗ بَلِ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ فِي ٱلۡعَذَابِ وَٱلضَّلَٰلِ ٱلۡبَعِيدِ
Mbega arementaniriza nkana Imana Allah canke yarakehewe n’ubwenge!”. Haba namba! Si nk’ukwo rero abagarariji bavyibaza, ahubwo Muhamadi ni Intumwa akaba n’Imvugakuri koko. Ahubwo abatemera izurwa ry’ibiremwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa ngo babwitegurire, bazoja mu bihano vyamaho; bari no mu muzimagiza uri kure cane y’ukuri.
Explanation & meanings · 1
- Ivyo babivuga batebura ku Ntumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu ntumbero yo guhakana no kwiyamiriza ko ata zurwa ry’ibiremwa ribaho.