34 : 47
قُلۡ مَا سَأَلۡتُكُم مِّنۡ أَجۡرٖ فَهُوَ لَكُمۡۖ إِنۡ أَجۡرِيَ إِلَّا عَلَى ٱللَّهِۖ وَهُوَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ شَهِيدٞ
Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abagarariji uti: “Nta mpembo ndigera ndabasaba kw’ishikirizabutumwa ryanje, kanatsinda ni no ku neza yanyu, impembo yanje ndayiziga ku Mana Allah, ni na Yo Ibona neza ibikorwa vyose vy’ibiremwa, Ikazobibihembera”.