20 : 54
كُلُواْ وَٱرۡعَوۡاْ أَنۡعَٰمَكُمۡۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّأُوْلِي ٱلنُّهَىٰ
Bantu! Nimufungure rero mu vyiza bimera kw’isi, muheze muragire n’ibitungwa vyanyu ahari ubwatsi. Mu vy’ukuri muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo vyotuma abanyabwenge babushitse, batahura ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, bakayisenga ari Imwe Rudende.
Explanation & meanings · 1
- Abanyabwenge babushitse, ni abantu bafise ubwenge ndemanwa butuma barangwa n’ingeso nziza bagakora n’ivyiza.