Skip to content
هُود /

Ayah 61

11 : 61

Ayah 61 of هُود (11 : 61). This page carries the verse in the Uthmani script with a translation of its meaning, at a stable URL that can be cited on its own.

هُود Ayahs 123
Surah · هُود
Ikirundi · Gehiti
11 : 61

۞ وَإِلَىٰ ثَمُودَ أَخَاهُمۡ صَٰلِحٗاۚ قَالَ يَٰقَوۡمِ ٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ مَا لَكُم مِّنۡ إِلَٰهٍ غَيۡرُهُۥۖ هُوَ أَنشَأَكُم مِّنَ ٱلۡأَرۡضِ وَٱسۡتَعۡمَرَكُمۡ فِيهَا فَٱسۡتَغۡفِرُوهُ ثُمَّ تُوبُوٓاْ إِلَيۡهِۚ إِنَّ رَبِّي قَرِيبٞ مُّجِيبٞ

Twaranarungikiye Bene Thamuudi mwenewabo Swalehe, araheza arababwira ati: “Bantu banje narungitsweko! Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, nta yindi mana mufise ikwiye gusengwa atari Yo, ni Yo Yabaremye mw’ivu mu kurema so wanyu Adamu, Iraheza Ibaha ububasha bwo gutunganya no guteza imbere isi. Kubera ivyo rero, nimuyisabe ikigongwe ku vyaha vyanyu, hanyuma mugaruke mwigaye kuri Yo, mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah Iri hafi y’umusenzi, Yumvira uwuyisavye.