Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

8 of 183 cards

Clear filters
"Iyo muba mwama mwishimikiza Imana Allah mu vyo mukora ukuri kw'ukuyishimikiza, ni ukuri Yobaronkeje ibibabeshaho bikwiye nka kurya Ironsa inyoni ibizibeshaho bikwiye, aho ubona zizinduka zikagenda zishonje, zagaruka naho zikagaruka zihaze, amabondo yafoye".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Imaam Ahmad, Al-Tirmidhiy, Al-Nasaa-iy, Ibnu Maajah na Ibnu Hibbaan mu gitabo ciwe "Swahiihu Ibni Hibbaan", na Al-Haakim
"Uwusomeye Qor'ani ku mugaragaro, ni nk'uwutangiye imperezwa ku mugaragaro. Uwusomeye Qor'ani mu mpisho na we, ni nk'uwutangiye imperezwa mw'ibanga".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Abu Dawudi, Al-Tirmidhiy na Al-Nasaa-iy
Higeze kuza umuntu umwe ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mu vy'ukuri umwe muri twebwe, hari igihe yiyumvamwo ikintu kibi, ku buryo ha kukivuga yopfuma ahinduka umunyota". Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: "Imana Allah ni Yo Nkuru, Nikuzwe; Imana Allah ni Yo Nkuru, Nikuzwe, Nihashimagizwe Imana Allah, Yo Yahagaritse urwenge rw'ihubisha rya shetani, rugaherera mu kuba inyoshambi gusa".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Abu Dawudi na Al-Nasaa-iy mu gitabu "Sunanu l-Kubraa"
"Reka gukora ibiguteye amakenga, maze utandukire gukora ibitaguteye amakenga; kuko mu vy'ukuri, ukuri kujana n'ituze ry'umushaha, ni ukuri n'ikinyona nyene kijana n'ukugira amakenga"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy, Al-Nasaa-iy na Ahmad
"Mwene Adamu ntibirashika aho yuzuza icombo kibi kuri we coza gisumba inda, birakwiye kuri mwene Adamu rero kuba yokwivuna inzara mu gufungura duke tumubeshaho, vyoba ngombwa ko arenzako mu guhaga, akagenera ica gatatu c'umushishito wiwe imfungurwa, ikindi ca gatatu akakigenera ibinyobwa, ica gatatu gisigaye akagisigira uguhema"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Imam Ahmad, Al-Tirmidhiy, Al-Nasaa-iy na Ibnu Maajah
"Enda nyabuna, reka gukora ikiguteye amakenga, uheze utandukire ikitaguteye amakenga".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy na Al-Nasaa-iy
"Ugusugutura gusukura mu kanwa, kugashimisha Imana Rurema Allah".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Nasaa-iy na Ahmad
"Umuntu niyakunda mwenewabo araheza amubwire ko amukunda".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Abu Dawudi, Al-Tirmidhiy na Al-Nasaa-iy mu gutabu "Sunanu l-Kubraa" na Ahmad