Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

84 of 183 cards

Clear filters
"Iyo abislamu babiri bakuye imipanga (canke inkota zabo) mu rwubati ngo barwane, maze umwe muri bo akica mugenziwe, uwishe n'uwishwe bose bazoja mu muriro". Naciye mvuga mbaza nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ku wishe, birumvikana igitumye ahanwa, none uwishwe wewe azira iki?". Yaciye yishura ivuga iti: "Azira ko na we nyene yari arajwe ishinga n'ukwica mugenziwe iyo atamwitanga"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Umuriro udahera wakikujwe n'ibikundwa n'abantu mu bisayangana vy'isi; Ubwami bw'ijuru na bwo bwakikujwe n'ibidakundwa n'abantu mu vy'isi".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratwiganiye ikaba ari na yo mvugakuri-Mudahinyuzwa aho ivuga : "ko iremwa ry'umwe wese muri mwebwe riba mu kwegeranya intanga mu gitereko ca nyina mu mirango mirongo ine n'amajoro mirongo ine, hanyuma akaba akamanyu k'amaraso avuze mu kiringo nk'ico nyene c'imisi mirongo ine, hanyuma akaba akamanyu k'inyama mu kiringo nk'ico nyene c'imisi mirongo ine, hanyuma akarungikirwa umumalayika, maze agahabwa n'Imana Allah uburenganzira bw'ukwandika amajambo ane ku bizomushikira vyose, agaheza rero akandika: ibizomubeshaho, imyaka azobaho, ibikorwa azokora, n'uko rero azobaho mu magorwa canke mu mahirwe, agaheza rero agaca amuhuhiramwo inkomoko y'ubuzima "Roho". Kubera ivyo rero, ni ukuri umwe wese muri mwebwe hari igihe bishika agakora igikorwa c'abantu bo mu Bwami bw'ijuru kugeza n'aho ata gisigaye kiri hagati yiwe n'Ubwami bw'ijuru ngo abushikire kiretse intambwe nto ireha n'uburebure bw'ukuboko gushika mu nkokora, yamara ivyanditswe kuri we bikitanganiza imbere bikamuciramwo, maze agakora igikorwa c'abantu bo mu muriro, agasanga awinjiyemwo ukwo. Ni ukuri hari n'igihe umwe muri mwebwe akora igikorwa c'abantu bo mu muriro, kugeza n'aho ata gisigaye kiri hagati yiwe n'umuriro ngo awinjiremwo kiretse intambwe nto ireha n'uburebure bw'ukuboko gushika mu nkokora, yamara ivyanditswe kuri we bikitanganiza imbere bikamuciramwo, maze agakora igikorwa c'abantu bo mu Bwamwi bw'ijuru, agasanga abwinjiyemwo ukwo".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Imana Allah Iragirira impuhwe, umuntu w'umugwaneza iyo hagize ico agurisha, n'iyo hagize ico agura, n'iyo hagize ico yishuza".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy
"Iyo umuntu arwaye canke ari ku rugendo, yandikirwa indishi nk'ivyo yahora akora ari mu rwiwe, akomeye"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy
"Umwe wese mu bantu narungitsweko, azokwinjira mu Bwami bw'ijuru kiretse gusa uwuzokwanka".Abari bicaye ng'aho baca bavuga babaza bati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ni nde yokwubahuka koko akanka kwinjira mu Bwami bw'ijuru!?". Na yo ica yishura iti: "Uwuzonyumvira mu gushira mu ngiro ivyo nigishije, azokwinjira mu Bwami bw'ijuru; nayo uwuzogabitanya mu kutankurikira, ni uko azoba yanse kubwinjira".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy
"Burya Ubwami bw'ijuru, buri hafi cane y'umwe muri mwebwe kurusha umugozi w'ikirato yambaye. Kukaba nkako, n'umuriro udahera, ni ukwo nyene"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy
"Nta n'umwe muri mwebwe yokwemera bikwiye atabanje kunkunda kuruta kurya akunda umuvyeyi wiwe, umwana wiwe, eka mbere kuruta kurya akunda abantu bose".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu