Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

5 of 183 cards

Clear filters
"Hari ibintu bine, uwurangwa na vyo aba ari indyarya. Iyo naho aranzwe na kimwe muri vyo, aba aranzwe na kimwe mu biranga uburyarya gushika akiretse akavavanura na co. Abarangwa n'ivyo bintu bine rero: ni urya muntu iyo aganiriye abesha, n'iyo atanze isango ntaryubahiriza, n'iyo atase arerura mu gutata, n'iyo yiyemeje ikintu arahemuka".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Uwunga ubuvandimwe mu kugira ico atanze, si uwusubiriza uwundi mu ndumane; ariko uwunga ubuvandimwe koko mu kugira ico atanze, ni urya iyo hagize uwuca ubuvandimwe bwiwe, aheza akabwunga (mu guha uwamwimye no mu kubabarira uwamugiriye nabi)".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy
"Hari ibintu bine, uwurangwa na vyo aba ari indyarya igaragara, uwuranzwe na kimwe muri vyo, aba aranzwe na kimwe mu bintu biranga indyarya gushika igihe avavanuye na co: iyo agize ngo araganiriye, arabesha; n'iyo agize ngo ariyemeje ikintu, arahemuka ntagishitsa; n'iyo agize ngo aratanze isezerano ntaryubahiriza; n'iyo hagize uwo batase, arerura mu kumucokora".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Murashikiriza ivyo mwanyabuyeko (mwanyakiriyeko), n'aho yoba ari Aayah imwe gusa. Nta kabi ko mwiganira abantu inyigisho zakiriwe kuri Bene Israyeli mu gihe zidateye kubiri n'ivyo nigishije. Uwo wese rero, azombeshera nkana mu gushikiriza inyigisho y'irementanya ntigeze nigisha araheza rero yitegurire icicaro c'ibihano mu muriro udahera".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy
"Urugomero rwanje ruzoba rureha n'uburebure bw'urugendo rw'ukwezi kuzima; amazi yarwo azoba yera de gusumba amata; akamoto kayo na ko, kazoba ari keza cane gusumba amavuta amoga neza ya miski; ibikombe azokwiherezamwo; ku bwinshi bwavyo bizoba ari nka kurya kw'inyenyeri zikwiragiye mu kirere, uwuyanyoyeko ntazopfa asubiriye kunyoterwa ibihe bidashira".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu