Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

24 of 183 cards

Clear filters
"Uwo wese apfunze ukwezi kwa Ramadhani; yemera Imana Allah, yemera n'uko ari ibwirizwa ryayo ashize mu ngiro; arondera indishi kuri Yo, aheza akababarirwa ivyaha vyiwe yakoze".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Burya shetani iraza kuri umwe muri mwebwe ikamubwira iti: "Ni nde yaremye iki? Ni nde yaremye kirya?", gushika n'aho ivuga iti: "Ni nde yaremye Imana yawe Rurema?". Nivyashika rero aho ivuga ukwo, umuntu araca yikinga ku Mana Allah kugira Imukingire ingaruka y'inyoshambi zayo, maze ace areka gushishikara kuvyiyumvira".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Hariho amajambo abiri yoroshe kuvuga ku rurimi, aremereye mu ndishi ku munzane, akundwa na Nyenimpuhwe: SUB-HAANA LLAAHI L'ADHWIIM, SUB-HAANA LLAAHI WABIHAMDIHI".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Uwufise inguvu n'imirya koko, si urya azi gukubitana imyereka, mu vy'ukuri uwufise inguvu n'imirya koko, ni urya yigumya igihe ashavuye, ntaheze ngo ashire aho ishavu rishize".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Ba mureka kumbazagiza igihe cose nzoba ata co nshimye kuba nobabwira; ni ukuri icatumye abo hambere yanyu bahanwa bagahona, kwari ukubazagiza n'ukudahuza mu guhazana ku vyo Abigishwa n'Abavugishwamana barungikiwe; iyo rero hagize ikintu ndababujije gukora, ba muca mwirinda kugikora; n'iyo hagize ikintu ndabategetse gukora, ba mugikora mwisunze ivyo mushoboye (Uko bibashobokeye kwose)".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Mu vy'ukuri, Imana Allah Yavuze Iti: "Umuntu uwo ari we wese azobangamira umutoni wanje, ni ukuri, naramaze kumusezeranira indwano, burya nta muja wanje anyiyegereza mu gukora ivyo Nkunda kurusha, vyoza bisumba kunyiyegereza mu gukora ivyo Namubwirije; kandi umuja wanje ntahengeshanya kuguma anyiyegereza mu gukora ibikorwa-nyongera, gushika n'aho Ndamukunda. Iyo Maze kumunda rero, Nca Ndamubera ugutwi kwiwe akoresha mu kwumva, n'amaso yiwe akoresha mu kubona, n'ukuboko kwiwe akoresha mu gufata, n'ukuguru kwiwe akoresha mu kugendagenda; n'iyo hagize ico ansaba, ni ukuri Ndakimuha. N'iyo anyiyambaje ngo Ndamukingire, ni ukuri Ndamukingira, kandi rero sinigera ngonanwa ku kintu nshatse gukora, n'uko ngonanwa ku mutima w'umwemeramana iyo nshatse ko ahwera, kandi na we rero yanka gupfa, nanje nkanka kumushavuza"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy
"Umuriro wanyu mukoresha kw'isi, ni igice kimwe mu bice mirongo indwi vy'umuriro wa Jahannamu". Hari uwaciye abaza ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Umuriro wo kw'isi dukoresha, ni ukuri urakwiye kuba woturira ibintu bigahona". Yaciye imwishura iti: "Uwo muriro mubona rero, urushwa ubukazi n'umuriro wa Jahannamu ku bice mirongo itandatu n'icenda, igice kimwe cose muri vyo gifise ubushuhe nk'ubw'uwu muriro wanyu mubona"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Umuriro udahera wakikujwe n'ibikundwa n'abantu mu bisayangana vy'isi; Ubwami bw'ijuru na bwo bwakikujwe n'ibidakundwa n'abantu mu vy'isi".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy