Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

4 of 183 cards

Clear filters
"Anasi mwene Maliki (Imana Allah Imwishimire) yaratwiganiye ko hari umugabo yigeze kuvuga ati: "Ewe Muvugishwamana! Izurwa ry'umugararizamana agendesha mu maso hiwe, rizogenda gute?", aca aramwishura ati: "Mbega burya Uwamushoboje kugendesha amaguru kw'isi, ntashoboye kuzomugendesha mu maso hiwe ku musi w'izuka!?". Qataada yaciye avuga ati: "Ego cane, Yobuzwa n'iki kubishobora! Kandi ndavyemanze ndahira ku cubahiro c'Imana yacu Rurema Allah ko bizoshoboka"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Mu vy'ukuri, Imana Allah Yavuze Iti: "Umuntu uwo ari we wese azobangamira umutoni wanje, ni ukuri, naramaze kumusezeranira indwano, burya nta muja wanje anyiyegereza mu gukora ivyo Nkunda kurusha, vyoza bisumba kunyiyegereza mu gukora ivyo Namubwirije; kandi umuja wanje ntahengeshanya kuguma anyiyegereza mu gukora ibikorwa-nyongera, gushika n'aho Ndamukunda. Iyo Maze kumunda rero, Nca Ndamubera ugutwi kwiwe akoresha mu kwumva, n'amaso yiwe akoresha mu kubona, n'ukuboko kwiwe akoresha mu gufata, n'ukuguru kwiwe akoresha mu kugendagenda; n'iyo hagize ico ansaba, ni ukuri Ndakimuha. N'iyo anyiyambaje ngo Ndamukingire, ni ukuri Ndamukingira, kandi rero sinigera ngonanwa ku kintu nshatse gukora, n'uko ngonanwa ku mutima w'umwemeramana iyo nshatse ko ahwera, kandi na we rero yanka gupfa, nanje nkanka kumushavuza"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy
"Mu vy'ukuri, Imana Allah Yavuze Iti: "Umuntu uwo ari we wese azobangamira umutoni wanje, ni ukuri naramaze kumusezeranira indwano, burya nta muja wanje anyiyegereza mu gukora ivyo Nkunda kurusha, vyoza bisumba kunyiyegereza mu gukora ivyo Namubwirije, kandi umuja wanje ntahengeshanya kuguma anyiyegereza mu gukora ibikorwa-nyongera, gushika n'aho Ndamukunda, iyo Maze kumukunda rero, Nca Ndamubera ugutwi kwiwe akoresha mu kwumva, n'amaso yiwe akoresha mu kubona, n'ukuboko kwiwe akoresha mu gufata, n'ukuguru kwiwe akoresha mu kugenda; n'iyo hagize ico ansaba, ni ukuri Ndakimuha; n'iyo anyiyambaje ngo Ndamukingire, ni ukuri Ndamukingira; kandi rero sinigera ngonanwa ku kintu nshatse gukora, n'uko ngonanwa ku mutima w'umwemeramana iyo nshatse ko ahwera, kandi na we rero yanka gupfa, nanje nkanka kumushavuza"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy
ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) mu vyo ashikiriza bivuye ku Mana Allah Nyeniteka n'icubahiro nta ngere, aho yavuze ko Imana Allah Yavuze iti: "Mu vy'ukuri, Imana Allah Yaranditse ivyiza n'ibibi, hanyuma Iraheza Irabitomora ko uwo wese rero azozirikana gukora iciza, hanyuma ntagishire mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako iciza kimwe cuzuye; niyaramuka naho akizirikanye hanyuma akagishira mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako ivyiza cumi vyuzuye gushika ku vyiza bigwijwe incuro amajana indwi, eka mbere n'ibirenga gushika ku vyiza bigwijwe incuro nyinshi hisunzwe izirikanamana yagikoranye; n'uwo wese azozirikana gukora ikibi hanyuma ntagishire mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako iciza kimwe cuzuye; niyaramuka naho akizirikanye hanyuma akagishira mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako ikibi kimwe gusa".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu