Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

11 of 183 cards

Clear filters
"Mu vy'ukuri, jewe nzoba ndi ku rugomero ndindiriye gusanganira uwuza kurunywako muri mwebwe. Hari abantu bazobuzwa kunyegera, nce mbaza mvuga nti: "Ewe Mana yanje Rurema! Abo bari mu bankurikiye, bari mu bo narungitsweko! Nce nishurwa nti: "Mbega none, woba uzi ivyo bakoze mu nyuma zawe? Kw'izina ry'Imana Allah! Ntibahengeshanije kuguma basubira inyuma nk'ibirenge""".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Anasi mwene Maliki (Imana Allah Imwishimire) yaratwiganiye ko hari umugabo yigeze kuvuga ati: "Ewe Muvugishwamana! Izurwa ry'umugararizamana agendesha mu maso hiwe, rizogenda gute?", aca aramwishura ati: "Mbega burya Uwamushoboje kugendesha amaguru kw'isi, ntashoboye kuzomugendesha mu maso hiwe ku musi w'izuka!?". Qataada yaciye avuga ati: "Ego cane, Yobuzwa n'iki kubishobora! Kandi ndavyemanze ndahira ku cubahiro c'Imana yacu Rurema Allah ko bizoshoboka"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Narigeze kuvuga nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ibikoresho bizokwiherezwamwo ku rugomero (rwawe), bizoba bimeze gute?" Ica yishura iti: "Ndarahiye kw'izina ry'Uwufise umushaha wanje (wa Muhamadi) mu minwe yiwe, ko mu vy'ukuri ibikoresho bizokoreshwa kuri urwo rugomero, bizoba ari vyinshi gusumba igitigiri c'inyenyeri ziri mu kirere hamwe n'ibizikurikira, biboneka ukuri kwamye mw'ijoro ry'umwijima w'agahebuza, ibikoresho vyo mu Bwami bw'ijuru, uwubinywereyemwo agahera inyota, izoba ari yo nyota ya nyuma anyotewe, muri nya rugomero hasesera imigende ibiri ivuye mw'isoko riri mu Bwami bw'ijuru, uwunyoye kuri nya rugomero rero ntazogenda asuburiye kunyoterwa namba, ubwaguke bwarwo bungana n'uburebure bwarwo, ni nk'uburebure buri hagati y'ahitwa Ammaani (muri Jordaniya) na Aila (muri Palestina), amazi yarwo arera gusumba amata, akaryoha gusumba ubuki"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Mu vy'ukuri, Imana Allah ntirenganya namba umwemeramana ku ciza na kimwe akoze, araheza akagisubirizwa mu ndumane akiri kw'isi, akazonagihemberwa no mu buzima bw'inyuma yo gupfa, nayo umugararizamana, araheza agafungurirwa mu guhemberwa ivyo yakoze ku bw'Imana Allah akiri kw'isi, maze yashika mu buzima bw'inyuma yo gupfa, akazosanga ata ciza na kimwe asigaranye yohemberwa".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Umuriro wanyu mukoresha kw'isi, ni igice kimwe mu bice mirongo indwi vy'umuriro wa Jahannamu". Hari uwaciye abaza ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Umuriro wo kw'isi dukoresha, ni ukuri urakwiye kuba woturira ibintu bigahona". Yaciye imwishura iti: "Uwo muriro mubona rero, urushwa ubukazi n'umuriro wa Jahannamu ku bice mirongo itandatu n'icenda, igice kimwe cose muri vyo gifise ubushuhe nk'ubw'uwu muriro wanyu mubona"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Mu vy'ukuri, biri mu bimenyetso bizokwibonekeza vyerekana ko umuhero w'isi ugiye gushika: ubumenyi nya bumenyi buzogenda amazimayongo, ubujuju bwake indaro (buzogwirirana), ubusambanyi buzokwiragira, ukunywa inzoga kuzogwirirana, abagabo bazokeha, abagore na bo bazogwirirana kugeza y'aho abagore mirongo itanu bahagarikirwa n'umuhagarikizi umwe w'umugabo"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratwiganiye ikaba ari na yo mvugakuri-Mudahinyuzwa aho ivuga : "ko iremwa ry'umwe wese muri mwebwe riba mu kwegeranya intanga mu gitereko ca nyina mu mirango mirongo ine n'amajoro mirongo ine, hanyuma akaba akamanyu k'amaraso avuze mu kiringo nk'ico nyene c'imisi mirongo ine, hanyuma akaba akamanyu k'inyama mu kiringo nk'ico nyene c'imisi mirongo ine, hanyuma akarungikirwa umumalayika, maze agahabwa n'Imana Allah uburenganzira bw'ukwandika amajambo ane ku bizomushikira vyose, agaheza rero akandika: ibizomubeshaho, imyaka azobaho, ibikorwa azokora, n'uko rero azobaho mu magorwa canke mu mahirwe, agaheza rero agaca amuhuhiramwo inkomoko y'ubuzima "Roho". Kubera ivyo rero, ni ukuri umwe wese muri mwebwe hari igihe bishika agakora igikorwa c'abantu bo mu Bwami bw'ijuru kugeza n'aho ata gisigaye kiri hagati yiwe n'Ubwami bw'ijuru ngo abushikire kiretse intambwe nto ireha n'uburebure bw'ukuboko gushika mu nkokora, yamara ivyanditswe kuri we bikitanganiza imbere bikamuciramwo, maze agakora igikorwa c'abantu bo mu muriro, agasanga awinjiyemwo ukwo. Ni ukuri hari n'igihe umwe muri mwebwe akora igikorwa c'abantu bo mu muriro, kugeza n'aho ata gisigaye kiri hagati yiwe n'umuriro ngo awinjiremwo kiretse intambwe nto ireha n'uburebure bw'ukuboko gushika mu nkokora, yamara ivyanditswe kuri we bikitanganiza imbere bikamuciramwo, maze agakora igikorwa c'abantu bo mu Bwamwi bw'ijuru, agasanga abwinjiyemwo ukwo".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Umuhero w'isi, ntuzoshika izuba ritabanje guserukira mu burengero bwaryo; igihe rero ryaserukiyeyo abantu bose bazoca bemera; ico ni co gihe Imana Allah Ivugako Iti: {Ico gihe kigeze, ukwemera kw’umuntu atigeze yemera imbere y’ico gihe, nta co kuzomumarira. Aramutse yemeye naho, ibikorwa vyiza atigeze akora imbere y’ico gihe, nta co bizomumarira} [Al-An'aam: 158]; ni ukuri umuhero w'isi uzogera usange abagabo babiri bariko bacirirana igiciro c'impuzu, ntibazoheza ngo baheraheze ubuguzi hagati yabo, eka ntibazonaronka akanya ngo bazinge nya mpuzu; ni ukuri umuhero w'isi uzogera usange umuntu yagiye gukama ingamiya yiwe, ntazoheza ngo anywe amata yayo; ni ukuri umuhero w'isi uzogera usange umuntu ariko arasanura urugomero rwiwe, ntazoheza ngo arunyweko; ni ukuri umuhero w'isi uzogera usange umwe muri mwebwe agejeje utwo atamira ku munwa, ntazoheza ngo adufungure".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu