Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

3 of 183 cards

Clear filters
Higeze kuza umuntu umwe ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mu vy'ukuri umwe muri twebwe, hari igihe yiyumvamwo ikintu kibi, ku buryo ha kukivuga yopfuma ahinduka umunyota". Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: "Imana Allah ni Yo Nkuru, Nikuzwe; Imana Allah ni Yo Nkuru, Nikuzwe, Nihashimagizwe Imana Allah, Yo Yahagaritse urwenge rw'ihubisha rya shetani, rugaherera mu kuba inyoshambi gusa".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Abu Dawudi na Al-Nasaa-iy mu gitabu "Sunanu l-Kubraa"
"Mu vy'ukuri, Imana Allah yaramaze kwirengagiza uguhana abantu narungitsweko ku vyo bakoze mu kwihenda no mu kwibagira, hamwe rero n'ivyo bahatiwe gukora bitavuye ku mutima".
Al-Nawawiy yavuze ko ari inyigisho nziza Yashikirijwe na Ibnu Maajah na Al-bayhaqiy, n'abandi
ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) mu vyo ashikiriza bivuye ku Mana Allah Nyeniteka n'icubahiro nta ngere, aho yavuze ko Imana Allah Yavuze iti: "Mu vy'ukuri, Imana Allah Yaranditse ivyiza n'ibibi, hanyuma Iraheza Irabitomora ko uwo wese rero azozirikana gukora iciza, hanyuma ntagishire mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako iciza kimwe cuzuye; niyaramuka naho akizirikanye hanyuma akagishira mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako ivyiza cumi vyuzuye gushika ku vyiza bigwijwe incuro amajana indwi, eka mbere n'ibirenga gushika ku vyiza bigwijwe incuro nyinshi hisunzwe izirikanamana yagikoranye; n'uwo wese azozirikana gukora ikibi hanyuma ntagishire mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako iciza kimwe cuzuye; niyaramuka naho akizirikanye hanyuma akagishira mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako ikibi kimwe gusa".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu