Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

26 of 183 cards

Clear filters
higeze kuza abantu mu ngendanyi z'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) baca bamubaza bati: "Mu vy'ukuri twebwe twiyumvamwo ibintu bihambaye mu bubi, ku buryo umwe muri twebwe bimuremera kuba yobivuga, Umuvugishwamana aca ababaza ati: "Ni ivy'ukuri ko mwiyumvamwo ivyo bintu bihambaye?", na bo baca bishura bati: "Ego cane! Turavyiyumvamwo.", aca ababwira ati: "Ukwo kutubahuka kubivuga rero, ni kwo kwemera gutomoye".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Burya shetani iraza kuri umwe muri mwebwe ikamubwira iti: "Ni nde yaremye iki? Ni nde yaremye kirya?", gushika n'aho ivuga iti: "Ni nde yaremye Imana yawe Rurema?". Nivyashika rero aho ivuga ukwo, umuntu araca yikinga ku Mana Allah kugira Imukingire ingaruka y'inyoshambi zayo, maze ace areka gushishikara kuvyiyumvira".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Ntimukarenze urugero mu kumpayagiza nka kurya abanaswara barengeje urugero mu guhayagiza Mwene Mariyamu. Ni ukuri, jewe ndi Umuja w'Imana Allah. Nimwashaka rero kunshimagiza, muraheza muvuge muti: "Umuja w'Imana Allah akaba n'Intumwa yayo"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy
"Anasi mwene Maliki (Imana Allah Imwishimire) yaratwiganiye ko hari umugabo yigeze kuvuga ati: "Ewe Muvugishwamana! Izurwa ry'umugararizamana agendesha mu maso hiwe, rizogenda gute?", aca aramwishura ati: "Mbega burya Uwamushoboje kugendesha amaguru kw'isi, ntashoboye kuzomugendesha mu maso hiwe ku musi w'izuka!?". Qataada yaciye avuga ati: "Ego cane, Yobuzwa n'iki kubishobora! Kandi ndavyemanze ndahira ku cubahiro c'Imana yacu Rurema Allah ko bizoshoboka"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Umusi umwe hari umugabo yaje ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca amubaza ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ni ibihe bintu bibiri bituma umuntu ategerezwa kwinjira mu Bwami bw'ijuru canke mu muriro?". Intumwa (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica imwishura iti: "Uwupfuye atigeze abangikanya Imana Allah n'ikintu na kimwe mu biremwa, ategerezwa kuzokwinjira mu Bwami bw'ijuru, nayo uwupfuye yarabangikanije Imana Allah n'ikintu na kimwe mu biremwa, ategerezwa kuzokwinjira mu muriro"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Haragahona abavugira ku nsya z'amenyo n'ubwishime hamwe n'ukudadika mu mvugo n'ingiro". Ivyo yabivuze ibisubiramwo incuro zitatu".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Mu vy'ukuri, Imana Allah ntirenganya namba umwemeramana ku ciza na kimwe akoze, araheza akagisubirizwa mu ndumane akiri kw'isi, akazonagihemberwa no mu buzima bw'inyuma yo gupfa, nayo umugararizamana, araheza agafungurirwa mu guhemberwa ivyo yakoze ku bw'Imana Allah akiri kw'isi, maze yashika mu buzima bw'inyuma yo gupfa, akazosanga ata ciza na kimwe asigaranye yohemberwa".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Ubwislamu bwubakiye ku nkingi zitanu: Ukwemera n'ukwemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Imana Imwe Rudende Allah, n'uko Muhamadi ari Umuja wayo akaba n'Intumwa yayo; ugutsimbataza isengesho; ugutanga ishikanwa-bwirizwa; ugushengerera ingoro ntagatifu y'Imana Allah iri i Makka; hamwe rero n'ugupfunga ukwezi kwa Ramadhani".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu