Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

20 of 183 cards

Clear filters
"Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, Nyenimigisha-ntangere Yavuze Iti: Jewe ndi Nyawikwije Azira ibangikanywa. Kubera ivyo, uwo wese agize ico akora akimbangikanijeko n'ikindi kintu, nca ndamurekera nya gikorwa nkamutererana n'ico yambangikanije".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Mu vyukuri, Imana Allah ntiraba ingene musa n'uko muremye, eka ntinaraba amatungo yanyu, ariko Iraba ibiri mu mitima yanyu hamwe n'ibikorwa vyanyu vyiza mwakoze".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Igihe kimwe Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yari ampetse ku ndogobwe yitwa Ufairu, aca avuga ati: "Ewe Mu'aadhi! Woba uzi agateka k'Imana Allah Ifise ku baja bayo, n'agateka k'abaja bayo bafise kuri Yo?". Naciye mvuga nti: "Imana Allah n'Intumwa yayo, ni bo bazi gusumba, nayo jewe nta nyishu mfise". Aca arishura ati: "Mu vy'ukuri, agateka k'Imana Allah Ifise ku baja bayo, ni uko bayiyegereza mu vyo bakora vyose bakanayisenga batayibangikanya na kimwe mu biremwa; nayo agateka k'abaja bayo bayifiseko, ni uko Itazohana uwutayibangikanya na kimwe mu biremwa". Naciye mvuga nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! None ubwo sinomenyesha abantu iyi nkuru nziza!?". Yaciye ivuga iti: "Eka! Ntuyibamenyeshe ku kwanka ko bokwijajara bakayifatirako maze bagaca badebukirwa mu bikorwa nyegerezamana"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaradusengesheje isengesho ryo mu mutwenzi turi ahitwa Al-Hudaybiyya, inyuma y'imvura yari yaraye iguye, isengesho rimaze kurangira yarahindukiye iraba abantu, ica ivuga iti: "Mbega mwoba muzi ico Imana yanyu Rurema Allah Yavuze?". Abari ng'aho bavuze bayishura bati: "Imana Allah N'Intumwa yayo, ni Bo Bazi gusumba". Iraheza ivuga ko Imana Allah Yavuze Iti: "Mu baja banje, haramutse harimwo uwunyemera n'uwungarariza; uwavuze ati: "Twaronkejwe akavura ku mpano n'impuhwe bivuye ku Mana Allah", uyo ni we anyemera akagarariza inyenyeri. Nayo uwavuze ati: "Twaronkejwe akavura ku mvo z'iki na kirya", uyo ni we angarariza akemera inyenyeri".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Naravuze mbaza nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mbwira mu vyerekeye ubwislamu, ijambo ntazobaza uwundi muntu n'umwe atari wewe". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yishuye iti: "Vuga uti: "Naremeye Imana Allah", hanyuma ugororoke mu gutsimbatara kw'idini"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu na Ahmad
"Ubwislamu bwubakiye ku nkingi zitanu: Ukwemera n'ukwemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Imana Imwe Rudende Allah, n'uko Muhamadi ari Umuja wayo akaba n'Intumwa yayo; ugutsimbataza isengesho; ugutanga ishikanwa-bwirizwa; ugushengerera ingoro ntagatifu y'Imana Allah iri i Makka; hamwe rero n'ugupfunga ukwezi kwa Ramadhani".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy na Muslimu
ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) mu vyo ashikiriza bivuye ku Mana Allah Nyeniteka n'icubahiro nta ngere, aho yavuze ko Imana Allah Yavuze iti: "Mu vy'ukuri, Imana Allah Yaranditse ivyiza n'ibibi, hanyuma Iraheza Irabitomora ko uwo wese rero azozirikana gukora iciza, hanyuma ntagishire mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako iciza kimwe cuzuye; niyaramuka naho akizirikanye hanyuma akagishira mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako ivyiza cumi vyuzuye gushika ku vyiza bigwijwe incuro amajana indwi, eka mbere n'ibirenga gushika ku vyiza bigwijwe incuro nyinshi hisunzwe izirikanamana yagikoranye; n'uwo wese azozirikana gukora ikibi hanyuma ntagishire mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako iciza kimwe cuzuye; niyaramuka naho akizirikanye hanyuma akagishira mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako ikibi kimwe gusa".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) mu vyo yakiriye ku Mana Allah Nyenimihezagiro, Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, ko Yavuze Iti: "Emwe baja banje! Mu vy'ukuri, Jewe Naraziririje ko hagira uwo Ndenganya ubwanje, Ndaheza Nziririza akarenganyo no hagati yanyu, kubera ivyo rero, ntimukarenganyane hagati yanyu. Emwe baja banje! Burya umwe wese muri mwebwe, ni umuhuvyi kiretse uwo Narongoye mu nzira igororotse, enda rero nyabuna nimunsabe kurongoka Mpeze Ndabarongore mu nzira igororotse. Emwe baja banje! Burya umwe wese muri mwebwe arashonje kiretse uwo Mfunguriye, enda rero nyabuna nimunsabe kuronswa imfungurwa Mpeze Ndabafungurire. Emwe baja banje! Burya umwe wese muri mwebwe yambaye ubusa kiretse uwo Nambitse agashambara, enda rero nyabuna nimunsabe kwambikwa agashambara Mpeze Ndabambike. Emwe baja banje! Mu vy'ukuri mwese birashika mukagwa mu vyaha ijoro n'umurango, nanje Nkaba Ngumya akabanga ku vyaha vyose Nkareka kubihanira, enda rero nyabuna nimunsabe imbabazi ku vyaha vyanyu, Mpeze ndabababarire. Emwe baja banje! Mu vy'ukuri ntimuzogera aho mwogira ico mukoze kibangamye ngo mumbangamire, eka ntimuzogera n'aho mwogira ikintu ngirakamaro mukoze ngo hagire ico kimarira. Emwe baja banje! Mu gihe uwa mbere muri mwebwe gushika ku wa nyuma muri mwebwe, abantu muri mwebwe n'Amajini muri mwebwe, bose hamwe boba abagamburukiramana ku rugero rw'umutima w'umuntu umwe muri mwebwe, ivyo nta na kimwe vyokwongereza mu Bwami bwanje. Emwe baja banje! Mu gihe uwa mbere muri mwebwe gushika ku wa nyuma muri mwebwe, abantu muri mwebwe n'Amajini muri mwebwe, bose hamwe boba abanyavayaha ku rugero rw'umutima w'umuntu umwe, ivyo nta na kimwe vyogabanya mu Bwami bwanje. Emwe baja banje! Mu gihe uwa mbere muri mwebwe gushika ku wa nyuma muri mwebwe, abantu muri mwebwe n'Amajini muri mwebwe, bose hamwe bohagarara ku rubuga rumwe, maze bakansaba, Ngaheza ngaha umwe wese muri bo ivyo yasavye, ivyo nta na kimwe vyogabanya mu biri iwanje atari nka kurya wofata urushinge ukadwibika mw'ibahari (ata co rugabanyako). Emwe baja banje! Ni ukuri, ni ibikorwa vyanyu Ndababungabungira hanyuma Nkazobibahembera. Uwo wese rero azosanga ahembewe ivyiza, araheza ashimire Imana Allah; nayo uwuzosanga ahembewe ibitari ivyo, ntazote imiragwe ku muntu kiretse kwitako imiragwe ku gatwe kiwe".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu