Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

53 of 183 cards

Clear filters
"Ugusaba igisabisho, ni co gikorwa nya gikorwa c'iyegerezamana", hanyuma aca arasoma Aayah, aho Imana Allah Ivuga Iti: ﴾Bantu! Imana yanyu Rurema Allah Yavuze Iti: “Nimunsabe mutambangikanya na kimwe mu biremwa, maze Ndabahe ivyo musavye; mu vy’ukuri, abagira amanyama mu kuticisha bugufi ngo banyiyegereze mu vyo bakora banansenge Ndi Imana Imwe Rudende, bazokwinjira mu muriro wa Jahannamu basuzuguritse”﴿ (Ghaafir: 60).
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Abu Dawudi, Al-Tirmidhiy, Ibnu Maajah na Ahmad
hari abantu mu ngendanyi z'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) bigeze kumubwira n'impungenge n'akantu bati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Abatunzi baramaze gutwara indishi zose, basenga nk'uko dusenga, bagapfunga nk'uko dupfunga, bagaheza bagatanga imperezwa mu birenzeko mu matungo yabo"; aca abishura abahumuriza ati: "None burya Imana Allah ntiyabahaye ivyo mwotangako imperezwa!? Mu vy'ukuri, ininahaza n'itaziramana ryose "TASBIIH", ni imperezwa; ikuzamana ryose "TAKBIIR", ni imperezwa; ishimagizamana ryose "TAHMIID", ni imperezwa; iyemanga ry'uko Imana Allah ari Imwe Rudende "TAHLIIL", ni imperezwa; ukubwiriza abantu gukora ivyiza, ni imperezwa; ukubuza abantu gukora ibibi, ni imperezwa; vyongeye, no mu kurangura amabanga y'abubatse, harimwo imperezwa". Ba bantu baca bavuga mu gutangara n'akantu bati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Vyumvikana gute ko umwe muri twebwe arangura amabanga y'abubatse mu kurondera kuryoherwa, hanyuma akabironkeramwo impera!?"; aca arabishura ibagondoza iti: "Mbega none mubona gute mu gihe yoronderera ukwo kuryoherwa mu bizira (mu gusambana), yokwandikirwa icaha?, ni nk'uko nyene rero no mu gihe aronderereye ukwo kuryoherwa mu birekuwe, araheza akandikirwa indishi".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Agateka k'umwislamu afise ku wundi mwislamu, kagizwe n'ibintu bitanu: kwitabira indamutso y'amahoro, gusuhuza umurwayi, guherekeza ikiziga, kwitaba ubutumire, hamwe rero n'ugusabira uwasamuye".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Aho hambere harigeze kuba umuntu ahereza abantu ingurane, maze hagera kubishuza akabwira umukozi wiwe arungitse ati: "Niwahura n'uwudufitiye umwenda adashoboye kuwishura, uramurengana umwihoze, kumbure hari n'aho na twe Imana Allah Yoturengana mu kutaduhanira ivyaha vyacu, nya muntu amaze gupfa agahura n'Imana Allah, Yaramurenganye maze Iramubabarira ivyaha vyiwe".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
Igihe kimwe haraje umuntu ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: Ewe Ntumwa y'Imana! Nta gicumuro eka nta n'icaha rutura kibaho, kiretse ko mu vy'ukuri namaze kugikora. Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yamubajije ati: "None ntiwemera ku mushaha ukatura n'ururimi, wemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Imana Imwe Rudende Allah, ukemera n'uko Muhamadi ari Intumwa y'Imana?". Ico kibazo yagisubiyemwo incuro zitatu. Wa muntu yishura ati: "Ego cane ndavyemera". Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yamubwiye amuhumuriza ati: "Mu vy'ukuri, ukwo kwemera gutuma hababarirwa ibicumuro n'ivyaha".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Abu Ya'laa, Al-Twabaraaniy na Al-Dwiyaa-u Al-Maqdisiy
"Mu vy'ukuri, Imana Allah Yarategetse kurangwa n'ubugwaneza ku kintu ico ari co cose umuntu akoze. Iyo rero mwishe (mu kwihora uwishe) ba mwica mu bugwaneza; n'iyo mubaze igitungwa, muraheza mukibage mu bugwaneza; kandi rero umwe wese muri mwebwe, nabe abanza gukarisha neza imbugita yiwe, hanyuma aheze aruhure n'ikibagwa ciwe"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ibwira Sewabo iti: "Vuga uti: "LAA ILAAHA ILLA LLAAH", nanje nzoheza ndakubere icabona ntuzohanwe ku musi w'izuka", Sewabo aca avuga ati: "Iyo hataba ukwanka ko Abaqurayishi bonebagura bakavuga bati: "Yabivuze kubera ubwoba n'intege nke", ni ukuri nari kubivuga maze bikaguhimbara". Imana Allah Yaciye Ihishura Iti: {Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri wewe, ntushobora kurongora uwo ukunda ngo umushoboze kwemera; ariko Imana Allah, Irongora uwo Ishatse Igaheza Ikamushoboza kwemera} (Al-Qaswasw: 56).
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Uwutagirira impuhwe abantu, Imana Allah Nyenintsinzi na Nyenicubahiro ntiheza ngo Imugirire impuhwe namba".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu