Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

5 of 183 cards

Clear filters
"Biri mu biranga ubwislamu bwiza bw'umuntu, umuntu kureka kuja mu bitamuraba".
Al-Nawawiy yavuze ko ari inyigisho nziza Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy n'abandi
"Ibikorwa umuntu akora biri mu mice itandatu, n'abantu nyene bari mu mice ine. Mu bikorwa, harimwo ibitegerezwa-ntahara bibiri; ingere ku yindi; iciza gihemberwa ivyiza cumi; hamwe ero n'iciza gihemberwa ivyiza amajana indwi. Nayo ibitegerezwa-ntahara bibiri, ni kuri urya muntu yapfuye atabangikanya Imana Allah n'ikintu na kimwe, uyo ategerezwa kuzokwinjira mu Bwami bw'ijuru; n'urya muntu yapfuye abangikanya Imana Allah n'ikindi kintu ategerezwa kuzokwinjira mu muriro. Nayo ingere ku yindi, ni kuri urya muntu azirikana gukora iciza, akanaciyumvamwo mu mutima wiwe, maze Imana Allah Ikamenya ko yakizirikanye koko, aheza akandikirwa nya ciza akanagihemberwa impera ikwiye y'iciza kimwe, n'uwakoze ikibi nyene araheza akacandikirwa ari icaha kimwe, uwukoze iciza kimwe na we araheza akagihemberwa ivyiza cumi; uwutanze mu nzira y'Imana Allah, araheza agahemberwa iciza kimwe impera y'ivyiza amajana indwi. Nayo mu mice ine y'abantu, hakaba harimwo uwugururiwe mu guhabwa vyinshi agahimbarwa mu buzima bwo kw'isi, ata co azohabwa gifadika mu buzima bw'inyuma yo gupfa; uwagererewe mu bimubeshaho, (atahawe ikintu gifadika) ngo ahimbarwe mu buzima bwo kw'isi, azokwururirwa mu guhabwa vyinshi agahimbarwa mu buzima bw'inyuma yo gupfa; uwagererewe mu bimubeshaho (atahawe ikintu gifadika), ngo ahimbarwe mu buzima bwo kw'isi no mu buzima bw'inyuma yo gupfa; hamwe rero n'uwahawe vyinshi agahimbarwa mu buzima bwo kw'isi no mu bw'inyuma yo gupfa".
Inyigisho nziza y'intumwa Yashikirijwe na Ahmad
"Iyi nyigisho twayiganiwe n'abahora batwigisha Qor'ani mu ngendanyi z'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ko bahora bayigishwa n'Intumwa (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ari Aayah cumi, ntibigishwa izindi cumi zikurikira batabanje kumenya ibiri muri zimwe cumi za mbere, ubumenyi hamwe n'ishirwa mu ngiro ryabwo, bavuze bati: "Ni gutyo rero twiga ubumenyi n'ishirwa mu ngiro ryabwo mu kubugendera"".
Inyigisho nziza y'intumwa Yashikirijwe na Ahmad
"Ntimukagire inzu zanyu kuba nk'imva mu kutazisengeramwo, kandi ntimuzogire imva yanje icibutso c'ihimbazwa ryanje, muraheza nyabuna munsabire ku Mana Allah amahoro n'impuhwe; kuko mu vy'ukuri, igisabisho canyu munsabiye aho muzoba muri hose, kizonshikira".
Inyigisho nziza y'intumwa Yashikirijwe na Abu Dawudi
"Nta kintu na kimwe cubahitse ku Mana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere coza gisumba ugusaba igisabisho".
Inyigisho nziza y'intumwa Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy, Ibnu Maajah na Ahmad