عربي - Arabic English Qafár af - Afar Afrikaans - Afrikanns Akan Shqip - Albanian አማርኛ - Amharic Հայերեն - Armenian অসমীয়া - Assamese Azərbaycanca - Azerbaijani Bamanankan - Bambara Bassa Bemba বাংলা - Bengali Bosanski - Bosnian Български - Bulgarian မြန်မာဘာသာ - Burmese Bisaya - Cebuano Cham Нохчий - Chechen chiCheŵa - Chewa 中文 - Chinese Адыгэбзэ - Circassian Hrvatski - Croatian Česky - Czech Dagbani Dansk - Danish فارسی دری - Dari Dendi ދިވެހި ބަސް - Dhivehi Nederlands - Dutch إستوني - Estonian Suomi - Finnish Français - French Fulfulde - Fula ქართული - Georgian Deutsch - German Ελληνικά - Greek ગુજરાતી - Gujrati Kreyòl ayisyen - Haitian Creole Hausa हिन्दी - Hindi Magyar - Hungarian Igbo Indonesia - Indonesian Italiano - Italian 日本語 - Japanese Jóola - Jola ಕನ್ನಡ - Kannada Қазақша - Kazakh ភាសាខ្មែរ - Khmer Kikuyu Ikinyarwanda - Kinyarwanda Ikirundi - Kirundi 한국어 - Korean كوردی سۆرانی - kurdish كوردي kurmancî - Kurmanji Kyrgyz ລາວ - Lao latviešu - Latvian Lingala lietuvių - Lithuanian Luganda Македонски - Macedonian Maguindanaon Malagasy - Malagasy Bahasa Melayu - Malay മലയാളം - Malayalam Mandinka मराठी - Marathi Mõõré - Moore नेपाली - Nepali أنكو - NKo Norwegian ଓଡ଼ିଆ - Odia oromoo - Oromo پښتو - Pashto فارسی - Persian Polski - Polish Portuguese ਪੰਜਾਬੀ - Punjabi Română - Romanian Русский - Russian Српски - Serbian Shona සිංහල - Sinhala Slovenščina - Slovenian Soomaaliga - Somali Soninke Sesotho - Sotho Español - Spanish Kiswahili - Swahili Svenska - Swedish Tagalog Тоҷикӣ - Tajik தமிழ் - Tamil తెలుగు - Telugu ไทย - Thai ትግረኛ - Tigrinya Türkçe - Turkish Ukrainian اردو - Urdu ئۇيغۇرچە - Uyghur Ўзбек - Uzbek Việt Nam - Vietnamese Wolof Yao Yorùbá - Yoruba Zarma زولو - Zulu
183 Hadiths
Encyclopedia of Prophetic Hadiths
Categories
Grading
Narrated in
Show remaining sources
Narrator
Show all narrators (22)
"Iciza, ni umuntu kurangwa n'imigenzo myiza; nayo igicumuro na co, ni kirya cose gitera amazinda mu gikiriza cawe, ukanka n'uko abantu bomenya ko wagikoze".
Inyigishi y'intumwa yemewe Inyigisho ya mbere y'intumwa yashikirijwe na Muslimu, iya kabiri yashikirijwe na Ahmad na Al-Daarimiy
"Uwukemuriye umwemeramana ikibazo mu kumukura mu vyago vyo kw'isi, Imana Allah Izomukemurira ibibazo mu kumukura mu vyago vyo ku musi w'izuka; uwutezuriye na we uwunaniwe mu kumworohereza mu bimubakiye (ibimugoye), Imana Allah Izomutezurira mu kumworohereza mu bimubakiye (ibimugoye) mu buzima bwo kw'isi no mu bw'inyuma yo gupfa; uwugumirije akabanga umwislamu, Imana Allah Izomugumiriza akabanga mu buzima bwo kw'isi no mu bw'inyuma yo gupfa; kandi rero burya Imana Allah ntihengeshanya gufasha umuja wayo mu gihe cose na we aba agishishikara gufasha mwenewabo; uwufashe inzira yo kuja kurondera ubumenyi, Imana Allah Iramworohereza inzira imushikana mu Bwami bw'ijuru; nta bantu bahurira muri imwe mu nzu z'Imana Allah bagaheza bagasoma bakanigishanya Igitabu cayo ca Qor'ani, kiretse ko abo bantu bururukirwa n'ituze, iteka n'itekane, bagahundagazwako impuhwe, bagakikuzwa n'abamalayika, Imana Allah na Yo Ikabahayagiza ku bari iwayo mu baja bayo, burya uwuzingamitswe n'ibikorwa vyiwe akabura ico yimariye, icubahiro c'ubwoko n'inkomoko vyiwe ntibizomushikana ku cubahiro c'aberanda".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Uwufise inguvu n'imirya koko, si urya azi gukubitana imyereka, mu vy'ukuri uwufise inguvu n'imirya koko, ni urya yigumya igihe ashavuye, ntaheze ngo ashire aho ishavu rishize".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Umusi umwe hari umugabo yaje ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca amubaza ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ni ibihe bintu bibiri bituma umuntu ategerezwa kwinjira mu Bwami bw'ijuru canke mu muriro?". Intumwa (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica imwishura iti: "Uwupfuye atigeze abangikanya Imana Allah n'ikintu na kimwe mu biremwa, ategerezwa kuzokwinjira mu Bwami bw'ijuru, nayo uwupfuye yarabangikanije Imana Allah n'ikintu na kimwe mu biremwa, ategerezwa kuzokwinjira mu muriro"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Uwuca ubuvandimwe, ntazopfa yinjiye mu Bwami bw'ijuru".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Mbega mwoba muzi ico ari co ukwandagaza umuntu "ghiiba?""; ingendanyi zari ng'aho ziraheza zishura ziti: "Ihibambewe! Imana Allah n'Intumwa yayo, ni Bo Bazi gusumba inyishu y'ico kibazo"; ica yishura iti: "Ni wewe kuyaga kuri mwenewanyu ivyo adakunda ko womuvugako"; haca hagira ingendanyi ibaza ivuga iti: "Ubona gute mu gihe ivyo mvuga kuri mwenewacu, vyoba ari ivy'ukuri?"; ica yishura iti: "Mu gihe ivyo umuvugako vyoba ari ivy'ukuri, aho rero ni ho uzoba umwandagaje koko, nayo ivyo umuvugako nivyaba atari vyo, uzoba umwambitse ibara mu kumukorera inteba ishushe".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Mu vy'ukuri, Imana Allah Yarategetse kurangwa n'ubugwaneza ku kintu cose umuntu akoze, iyo rero mwishe (mu kwihora uwishe) ba mwica mu bugwaneza; n'iyo mubaze igitungwa, ba mukibaga mu bugwaneza; kandi rero umwe wese muri mwebwe, nabe abanza gukarisha neza imbugita yiwe, hanyuma aheze aruhure n'ikibagwa ciwe".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Mu vy'ukuri, biri mu bimenyetso bizokwibonekeza vyerekana ko umuhero w'isi ugiye gushika: ubumenyi nya bumenyi buzogenda amazimayongo, ubujuju bwake indaro (buzogwirirana), ubusambanyi buzokwiragira, ukunywa inzoga kuzogwirirana, abagabo bazokeha, abagore na bo bazogwirirana kugeza y'aho abagore mirongo itanu bahagarikirwa n'umuhagarikizi umwe w'umugabo"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu