Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

14 of 183 cards

Clear filters
mu vy'ukuri Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yigeze kumurungika mu Gihugu ca Yemeni, agarutse amubaza ku vyerekeye ibinyobwa bihingurirwayo, maze avuga ati: "Ni ibihe binyobwa bihingurirwayo?", Abu Burda na we aca yishura ko ivyo binyobwa ari ivyitwa "Al-Bit'u" na "Al-Mizru", aca arabazwa ati: "Al-Bit'u", ihinguwe mu biki?"", aca arishura ati: "Ni inzoga ihinguwe mu buki"; nayo "Al-Mizru", ni inzoga ihinguwe mu ngano. Umuvugishwamana aca avuga ati: "Ikintu cose kiborera, kiba kizira".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Uwo wese apfunze ukwezi kwa Ramadhani; yemera Imana Allah, yemera n'uko ari ibwirizwa ryayo ashize mu ngiro; arondera indishi kuri Yo, aheza akababarirwa ivyaha vyiwe yakoze".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Uwunga ubuvandimwe mu kugira ico atanze, si uwusubiriza uwundi mu ndumane; ariko uwunga ubuvandimwe koko mu kugira ico atanze, ni urya iyo hagize uwuca ubuvandimwe bwiwe, aheza akabwunga (mu guha uwamwimye no mu kubabarira uwamugiriye nabi)".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy
"Ubwislamu bwubakiye ku nkingi zitanu: Ukwemera n'ukwemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Imana Imwe Rudende Allah, n'uko Muhamadi ari Umuja wayo akaba n'Intumwa yayo; ugutsimbataza isengesho; ugutanga ishikanwa-bwirizwa; ugushengerera ingoro ntagatifu y'Imana Allah iri i Makka; hamwe rero n'ugupfunga ukwezi kwa Ramadhani".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Zina-kintu cose kiborera, ni inzoga; kandi zina-kintu cose kiborera, kirazira kikaziririzwa kucihereza. Umuntu uwo ari we wese rero anyoye inzoga mu buzima bwo kw'isi, maze akarinda apfa akiyinywa, atigeze yigaya ngo areke kuyinywa akiri muzima, ntazonywa namba ku nzoga mu buzima bw'inyuma yo gupfa".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu, na Al-Bukhaariy mu ryungane ryayo rya nyuma
"Umumalayika Jibrili ntiyahengeshanya kwama yampanuye kwitaho umubanyi, kugeza n'aho nibwira ko azohava amugenera umugabane w'ibitegerezwa gutoranwa".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Ntimugatuke abapfuye; kuko mu vy'ukuri, bo baramaze kuja kwibonera ivyo bakoze".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy
"Ukwonsa kuziririza ku wonkejwe ibisanzwe biziririjwe kuri we n'ukuvukana kw'uwo basangiye amaraso".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu