Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

4 of 183 cards

Clear filters
"Mu vy'ukuri, gutongera (kuvura hakoreshejwe amajambo adatomoye), ukwambara ibiheko no gukoresha uburozi mu gukundanisha abubakanye "tiwala"(1), ivyo vyose ni ibangikanyamana".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Abu Dawudi, Ibnu Maajah na Ahmad
"Ewe Mana yanje Nzima! Ntuzogire imva yanje kuba ahantu hasengerwa ibigirwamana; kuko Imana Allah Yavumye abantu bagize imva z'Abavugishwamana babo kuba imisigiti".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Ahmad
"Ibikorwa umuntu akora biri mu mice itandatu, n'abantu nyene bari mu mice ine. Mu bikorwa, harimwo ibitegerezwa-ntahara bibiri; ingere ku yindi; iciza gihemberwa ivyiza cumi; hamwe ero n'iciza gihemberwa ivyiza amajana indwi. Nayo ibitegerezwa-ntahara bibiri, ni kuri urya muntu yapfuye atabangikanya Imana Allah n'ikintu na kimwe, uyo ategerezwa kuzokwinjira mu Bwami bw'ijuru; n'urya muntu yapfuye abangikanya Imana Allah n'ikindi kintu ategerezwa kuzokwinjira mu muriro. Nayo ingere ku yindi, ni kuri urya muntu azirikana gukora iciza, akanaciyumvamwo mu mutima wiwe, maze Imana Allah Ikamenya ko yakizirikanye koko, aheza akandikirwa nya ciza akanagihemberwa impera ikwiye y'iciza kimwe, n'uwakoze ikibi nyene araheza akacandikirwa ari icaha kimwe, uwukoze iciza kimwe na we araheza akagihemberwa ivyiza cumi; uwutanze mu nzira y'Imana Allah, araheza agahemberwa iciza kimwe impera y'ivyiza amajana indwi. Nayo mu mice ine y'abantu, hakaba harimwo uwugururiwe mu guhabwa vyinshi agahimbarwa mu buzima bwo kw'isi, ata co azohabwa gifadika mu buzima bw'inyuma yo gupfa; uwagererewe mu bimubeshaho, (atahawe ikintu gifadika) ngo ahimbarwe mu buzima bwo kw'isi, azokwururirwa mu guhabwa vyinshi agahimbarwa mu buzima bw'inyuma yo gupfa; uwagererewe mu bimubeshaho (atahawe ikintu gifadika), ngo ahimbarwe mu buzima bwo kw'isi no mu buzima bw'inyuma yo gupfa; hamwe rero n'uwahawe vyinshi agahimbarwa mu buzima bwo kw'isi no mu bw'inyuma yo gupfa".
Inyigisho nziza y'intumwa Yashikirijwe na Ahmad
"Ugusugutura gusukura mu kanwa, kugashimisha Imana Rurema Allah".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Nasaa-iy na Ahmad