Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

2 of 183 cards

Clear filters
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yasomye iyi Aayah: {Ntumwa y’Imana! Ni Yo Yonyene Yakumanuriye Qor’ani; muri yo harimwo Aayah zitomoye cane mu nsiguro, ni zo shimikiro yisungwa iyo hagize ikibadidanira mu nsiguro. Harimwo rero n’izindi Aayah zifobetse, zishobora kugira insiguro iyi n’iyindi, gutyo insiguro yazo nyayo ikagenwa na Aayah zitomoye. Abafise rero imitima yahuvye, baraheza bagakurikira muri zo Aayah zifobetse gusa, barondera guta abantu mu madidane (mu rudubi) ngo babahuvye, mu ntumbero ihuye n’insiguro bipfuza. Nta n’uwuzi insiguro nyayo y’ukuri ya Aayah zifobetse atari Imana Allah. Abamenyi babushitse na bo bavuga bati: “Twaremeye Qor’ani, ibirimwo vyose vyadushikiriye bivuye ku Mana yacu Rurema Allah”, bagaheza bagatahura insiguro ya Aayah zifobetse bisunze insiguro ya Aayah zitomoye, kandi rero nta wutahura insiguro yazo nyayo atari incabwenge koko} (Aali Imraani: 7), Aisha yavuze ati: "Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) imaze kuyisoma ica ivuga iti: "Ewe Aisha! Niwabona rero abakurikira muri Qor'ani Aayah zifobetse gusa, uramenya ko ari bo Imana Allah Yavuze (muri iyi Aayah), muraheza rero mubiyubare"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Ntimukige ubumenyi kugira mubukoreshe mu kwihaya ku bandi bamenyi, ntimukige ubumenyi kugira mubukoreshe mu guhaririza ibijuju, ntimukige ubumenyi kugira mubwitwaze mu guhabwa ivyicaro vy'iteka, uwo wese rero azokora kimwe muri ivyo, azoba akwiye guhanwa mu muriro udahera, azoba akwiye guhanwa mu muriro udahera".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Ibnu Maajah