Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

38 of 183 cards

Clear filters
"Ubwislamu bwubakiye ku nkingi zitanu: Ukwemera n'ukwemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Imana Imwe Rudende Allah, n'uko Muhamadi ari Umuja wayo akaba n'Intumwa yayo; ugutsimbataza isengesho; ugutanga ishikanwa-bwirizwa; ugushengerera ingoro ntagatifu y'Imana Allah iri i Makka; hamwe rero n'ugupfunga ukwezi kwa Ramadhani".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Nategetswe ko ndwanya abantu gushika bemeye bakemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa vy'ukuri atari Imana Imwe Rudende Allah, n'uko Muhamadi ari Intumwa y'Imana Allah, baheze rero batsimbataze isengesho, banatange n'ishikanwa-bwirizwa". Nibaramuka bakoze ivyo rero, bazoba bakingiye ubuzima bwabo hamwe n'amatungo yabo; kiretse gusa ku gateka k'ubwislamu bategerezwa kwubahiriza, ahasigaye iharurwa ryabo ku vyo bakoze rikazoba ku Mana Allah".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Ivyo nababujije, enda nyabuna muraheza mwirinde kubikora; ivyo nabategetse na vyo, enda nyabuna muraheza mukore ivyo mushoboye muri vyo; kuko ni ukuri, ab'aho hambere yanyu bahonejwe n'ukubazagiza kenshi, n'ukudahuza mu guhazana ku Bavugishwamana babo"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy na Muslimu
ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) mu vyo yakiriye ku Mana Allah Nyenimihezagiro, Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, ko Yavuze Iti: "Emwe baja banje! Mu vy'ukuri, Jewe Naraziririje ko hagira uwo Ndenganya ubwanje, Ndaheza Nziririza akarenganyo no hagati yanyu, kubera ivyo rero, ntimukarenganyane hagati yanyu. Emwe baja banje! Burya umwe wese muri mwebwe, ni umuhuvyi kiretse uwo Narongoye mu nzira igororotse, enda rero nyabuna nimunsabe kurongoka Mpeze Ndabarongore mu nzira igororotse. Emwe baja banje! Burya umwe wese muri mwebwe arashonje kiretse uwo Mfunguriye, enda rero nyabuna nimunsabe kuronswa imfungurwa Mpeze Ndabafungurire. Emwe baja banje! Burya umwe wese muri mwebwe yambaye ubusa kiretse uwo Nambitse agashambara, enda rero nyabuna nimunsabe kwambikwa agashambara Mpeze Ndabambike. Emwe baja banje! Mu vy'ukuri mwese birashika mukagwa mu vyaha ijoro n'umurango, nanje Nkaba Ngumya akabanga ku vyaha vyose Nkareka kubihanira, enda rero nyabuna nimunsabe imbabazi ku vyaha vyanyu, Mpeze ndabababarire. Emwe baja banje! Mu vy'ukuri ntimuzogera aho mwogira ico mukoze kibangamye ngo mumbangamire, eka ntimuzogera n'aho mwogira ikintu ngirakamaro mukoze ngo hagire ico kimarira. Emwe baja banje! Mu gihe uwa mbere muri mwebwe gushika ku wa nyuma muri mwebwe, abantu muri mwebwe n'Amajini muri mwebwe, bose hamwe boba abagamburukiramana ku rugero rw'umutima w'umuntu umwe muri mwebwe, ivyo nta na kimwe vyokwongereza mu Bwami bwanje. Emwe baja banje! Mu gihe uwa mbere muri mwebwe gushika ku wa nyuma muri mwebwe, abantu muri mwebwe n'Amajini muri mwebwe, bose hamwe boba abanyavayaha ku rugero rw'umutima w'umuntu umwe, ivyo nta na kimwe vyogabanya mu Bwami bwanje. Emwe baja banje! Mu gihe uwa mbere muri mwebwe gushika ku wa nyuma muri mwebwe, abantu muri mwebwe n'Amajini muri mwebwe, bose hamwe bohagarara ku rubuga rumwe, maze bakansaba, Ngaheza ngaha umwe wese muri bo ivyo yasavye, ivyo nta na kimwe vyogabanya mu biri iwanje atari nka kurya wofata urushinge ukadwibika mw'ibahari (ata co rugabanyako). Emwe baja banje! Ni ukuri, ni ibikorwa vyanyu Ndababungabungira hanyuma Nkazobibahembera. Uwo wese rero azosanga ahembewe ivyiza, araheza ashimire Imana Allah; nayo uwuzosanga ahembewe ibitari ivyo, ntazote imiragwe ku muntu kiretse kwitako imiragwe ku gatwe kiwe".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Nta n'umwe yemera bikwiye, atabanje gukundira mwenewabo mu bantu ko aronka nk'ivyo wenyene ubwiwe akunda ko yoronka".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Nta n'umwe muri mwebwe yokwemera bikwiye, ivyipfuzo vyiwe bitabanje gukurikiza ivyo narungikanywe mu mabwirizwa".
Al-Nawawiy yavuze ko ari inyigisho yemewe Twayishikirijwe mu gitabu "Al-Hujjah" mu ruhererekane rwa rwemewe
"Agahimba kose mu bihimba vy’umubiri w'umuntu, karafise imperezwa kotanga maze umuntu akayihemberwa. Buri musi izuba riserutse rero, maze umuntu agatunganiriza abantu babiri batase, iba ari imperezwa ahemberwa; afashije umuntu mu kumwuriza ku gitwazi ciwe canke mu kumuterurira udukoresho twiwe akadushira kuri nya gitwazi, iba ari imperezwa ahemberwa; eka n'ijambo ryiza rihumuriza umuntu, iba ari imperezwa ahemberwa; n'intambwe umuntu ateye aja gusenga, iba ari imperezwa ahemberwa; n'ugukura mu nzira ikibangamira abarengana, iba ari imperezwa ahemberwa".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Mu vy'ukuri Imana Allah, ni Nziza kandi Irakunda ivyiza, kanatsinda Imana Allah Yategetse abemeramana gukora nka birya nyene Yategetse Intumwa, aho Yavuze Iti: ﴾Emwe Ntumwa z’Imana! Nimufungure mu vyiza bibaryoheye birekuwe, muheze mukore n’ibikorwa vyiza bitegetswe﴿ (Al-Mu-minuuna: 51), Yongera Ivuga Iti: ﴾Emwe bemeramana! Nimurye mu vyiza Twabafunguriye﴿ (Al-Baqara: 172), mu nyuma ica ivuga inkuru y'umuntu yagize urugendo rurerure, maze ntiyaba agisokoza umushatsi, urushatsi ari ishwigiri, yarenzwe n'intumo ntiworaba, aheza agatarika ibiganza hejuru asaba ati: "Ewe Mana yanje Rurema! Ewe Mana yanje Rurema! Kandi atunzwe n'ugufungura ibizira, ukunywa ibizira, yambara mu bizira, eka mbere we wese akaba atunzwe n'ibizira. None ga yemwe! Umuntu nk'uyo, ni gute yokwakirirwa igisabisho ciwe!".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu