Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

7 of 183 cards

Clear filters
"Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti: "Imana Allah Nyenimigisha na Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yavuze Iti: "Ewe mwene Adamu! Mu vy'ukuri wewe, igihe cose uzonsaba ukanyizera, Nzokugumiriza akabanga ku vyaha vyawe, maze ndabikubabarireko uko bizoba bingana kwose ata na kimwe Ninona. Ewe mwene Adamu! Mu gihe ivyaha vyawe vyogwirirana bikagera mw'ijuru, hanyuma ukabinsabako ikigongwe, Nokugumirije akabanga ku vyaha vyawe, maze Nkabikubabarirako ata na kimwe Ninona. Ewe mwene Adamu! Mu vy'ukuri wewe, mu gihe woza iwanje ufise ibicumuro vyuzuye isi, hanyuma ugahura nanje mu nyuma yo gupfa utigeze umbangikanya na kimwe mu biremwa, ni ukuri uzonsanga Ndakuzaniye ikigongwe cuzuye isi".
Inyigisho nziza y'intumwa Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy
"Biri mu biranga ubwislamu bwiza bw'umuntu, umuntu kureka kuja mu bitamuraba".
Al-Nawawiy yavuze ko ari inyigisho nziza Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy n'abandi
"Mu vy'ukuri, Imana Allah Yarashinze amabwirizwa ategerezwa kwubahirizwa "faradwi", ntimukayirengagize; Yarashinze n'ingingo mpanavyaha "huduudu", ntimukazirengeko; Yaranaziririje ibintu bitarekuwe gukorwa "haraamu", ntimukabivogere; Iraheza Ireka gushinga ingingo n'imwe ku bintu bimwebimwe mu ntumbero yo kubagirira impuhwe, maze Ibigira ukwo bidatewe n'ukwibagira; ntimukarondere rero kumenya ingingo zivyerekeye".
Al-Nawawiy yavuze ko ari inyigisho nziza Yashikirijwe na Al-Daaraqutwniy mu gitabu ciwe "Sunan", n'abandi
"Iyo abantu baba bahabwa uburenganzira bwo gucirirwa imanza hisunzwe ivyo bashikirije mu kwitwara, ni ukuri abantu bokwitwariye abandi basaba guhabwa amatungo yabo, no kwihorera mu gusesa amaraso yabo, ariko rero nyabuna icisungwa mu guca imanza, ni uwitwaye gushikiriza icemezo ku vyo yagiriza uwitwariwe, n'irahizwa ry'uwitwariwe rero mu gihe hatabonetse icagiriji, maze agahakana ivyo yagirizwa".
Inyigisho nziza y'intumwa Yashikirijwe na Al-Bayhaqiy n'abandi uku nyene, bimwe muri vyo biri mu bitabu "Swahiihu" vya Al-Bukhaariy na Muslimu
"Mu vy'ukuri, Imana Allah yaramaze kwirengagiza uguhana abantu narungitsweko ku vyo bakoze mu kwihenda no mu kwibagira, hamwe rero n'ivyo bahatiwe gukora bitavuye ku mutima".
Al-Nawawiy yavuze ko ari inyigisho nziza Yashikirijwe na Ibnu Maajah na Al-bayhaqiy, n'abandi
"Ntibirekuwe ko umuntu yigeramira eka ntibinarekuwe ko ageramira uwundi".
Inyigisho nziza y'intumwa Yashikirijwe na Ibnu Maajah, Al-Daaraqutwniy, n'abandi, ifise uruhererekane rw'ubwakirizi
"Irengagize ivy'isi mu kutabihurumbira, Imana Allah Izogukunda; uheze wirengagize n'ibiri mu minwe y'abantu mu kutabihahamukira, abantu na bo bazoheza bagukunde"".
Al-Nawawiy yavuze ko ari inyigisho nziza Yashikirijwe na Ibnu Maajah n'abandi mu bwakirizi bwiza