Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

9 of 183 cards

Clear filters
"Iyo muba mwama mwishimikiza Imana Allah mu vyo mukora ukuri kw'ukuyishimikiza, ni ukuri Yobaronkeje ibibabeshaho bikwiye nka kurya Ironsa inyoni ibizibeshaho bikwiye, aho ubona zizinduka zikagenda zishonje, zagaruka naho zikagaruka zihaze, amabondo yafoye".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Imaam Ahmad, Al-Tirmidhiy, Al-Nasaa-iy, Ibnu Maajah na Ibnu Hibbaan mu gitabo ciwe "Swahiihu Ibni Hibbaan", na Al-Haakim
"Ururimi rwawe ntiruzohengeshanye kuguma ruremvye mu kuninahaza no gutazira Imana Allah".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Ahmad, Al-Tirmidhiy, Ibnu Maajah na Ibnu Hibbaan
"Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti: "Imana Allah Nyenimigisha na Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yavuze Iti: "Ewe mwene Adamu! Mu vy'ukuri wewe, igihe cose uzonsaba ukanyizera, Nzokugumiriza akabanga ku vyaha vyawe, maze ndabikubabarireko uko bizoba bingana kwose ata na kimwe Ninona. Ewe mwene Adamu! Mu gihe ivyaha vyawe vyogwirirana bikagera mw'ijuru, hanyuma ukabinsabako ikigongwe, Nokugumirije akabanga ku vyaha vyawe, maze Nkabikubabarirako ata na kimwe Ninona. Ewe mwene Adamu! Mu vy'ukuri wewe, mu gihe woza iwanje ufise ibicumuro vyuzuye isi, hanyuma ugahura nanje mu nyuma yo gupfa utigeze umbangikanya na kimwe mu biremwa, ni ukuri uzonsanga Ndakuzaniye ikigongwe cuzuye isi".
Inyigisho nziza y'intumwa Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy
"Biri mu biranga ubwislamu bwiza bw'umuntu, umuntu kureka kuja mu bitamuraba".
Al-Nawawiy yavuze ko ari inyigisho nziza Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy n'abandi
"Ndabasigiye iragi ry'uko mwotsimbatara kw'igamburukiramana, ukwumva n'ukwumvira indongozi, n'aho indongozi ibarongoye yoba ari umuja, burya uwuzobaho akaramba muri mwebwe mu nyuma zanje, azobona ukudahuza mu guhazana kenshi mu vyiyumviro, nivyabashikira rero muraheza muce mwisunga inyigisho n'imigenzo vyanje, hamwe rero n'imigenzo y'ingendanyi zanje z'abagororotsi zigendera ukuri, izo nyigisho n'imigenzo rero ndababwiye, murazigumya n'ibijigo mu kuzigendera mutarekura, muraheza kandi mwirinde ibintu vy'ivyadukona; kuko icadukano ico ari co cose, ni ubuhuvyi"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Abu Dawudi na Al-Tirmidhiy
"Mwene Adamu ntibirashika aho yuzuza icombo kibi kuri we coza gisumba inda, birakwiye kuri mwene Adamu rero kuba yokwivuna inzara mu gufungura duke tumubeshaho, vyoba ngombwa ko arenzako mu guhaga, akagenera ica gatatu c'umushishito wiwe imfungurwa, ikindi ca gatatu akakigenera ibinyobwa, ica gatatu gisigaye akagisigira uguhema"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Imam Ahmad, Al-Tirmidhiy, Al-Nasaa-iy na Ibnu Maajah
"Enda nyabuna, reka gukora ikiguteye amakenga, uheze utandukire ikitaguteye amakenga".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy na Al-Nasaa-iy
"Ni ukuri, umbajije ku kintu gihambaye, coroshe gukora ku wacoroherejwe n'Imana Allah: Uriyegereza ukanasenga Imana Allah utayibangikanya na kimwe mu biremwa; ugatsimbataza amasengesho; ugatanga ishimnwa-bwirizwa; ugapfunga ukwezi kwa Ramadhani; ukanashengerera ingoro ntagatifu". Hanyuma yaciye imbwira iti: "Mbega none ndakwereke imiryango y'ivyiza bisa!? Ugupfunga, ni inkinzo ikingira umuntu umuriro, imperezwa na yo ihanagura igicumuro kigaherengetera nka kurya amazi azimya umuriro, hamwe rero n'isengesho ry'umuntu asenga mu gicugu". Mu'aadhi yavuze ati: "Hanyuma ica isoma Aayah iti: ﴾Baravyuka bakigira kure y’uburiri basenga mu gicugu ...﴿ (As-Sajda: 16) gushika kuri ﴾...ku vyiza bamye bakora kw’isi﴿ (As-Sajda: 17), mu nyuma ica ivuga iti: "Mbega ndakwiganire umutwe wa vyose, inkingi yavyo hamwe n'isonga ry'ipfupfu ryavyo!?". Naciye nishura nti: "Ego cane Ntumwa y'Imana nyiganira!". Yaciye ivuga iti: "Umutwe wa vyose ni ubwislamu, inkingi ya vyose na yo ni isengesho, isonga ry'ipfupfu ryavyo na ryo, ni uguharanira idini ry'Imana Allah". Mu nyuma ica ivuga iti: "Mbega none ndakwiganire ikigaba kikaganza ivyo vyose ndakwiganiye?", nanje nca mvuga nti: "Ego cane Ntumwa y'Imana, nyiganira!", iraheza ifata isonga ry'ururimi rwayo ica ivuga iti: "Gumya aka karimi", nanje nca mvuga nitangaza nti: "Ewe Muvugishwamana! Burya ni ukuri, tuzohanirwa ivyo tuvuga?". Ica ivuga iti: "Mu'aadhi! Nyoko arakakubura, none burya hari ikizota abantu mu muriro bakazobanza mu maso habo canke bakagwira amazuru yabo, atari uguhanirwa ivyavuzwe n'akarimi kabo!"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy