Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

4 of 183 cards

Clear filters
"Ururimi rwawe ntiruzohengeshanye kuguma ruremvye mu kuninahaza no gutazira Imana Allah".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Ahmad, Al-Tirmidhiy, Ibnu Maajah na Ibnu Hibbaan
"Ururimi rwawe ntiruzohengeshanye kuguma rubomvye mu kuninahaza no gutazira Imana Allah".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy, Ibnu Maajah na Ahmad
ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) mu vyo yakiriye ku Mana yiwe Rurema Nyenintsinzi na Nyenicubahiro, Yavuze Iti: "Hari umuja yakoze icaha, aca avuga yigaya ati: "Mana yanje Nzima Allah! Ndagusavye Umbabarire icaha nakoze, Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Ica Imwakiriza yompi Ivuga Iti: "Umuja wanje yakoze icaha, aca amenya ko afise Imana Rurema Ibabarira icaha, Ishobora no kugihanira. Hanyuma nya muja wanje asubira gukora icaha, araheza avuga yigaya kandi ati: "Ewe Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Umbabarire icaha nakoze", Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Ica Imwakiriza yompi Ivuga Iti: "Umuja wanje yakoze icaha, aca amenya ko afise Imana Rurema Ibabarira icaha, Ishoboye no kugihanira". Hanyuma wa muja wanje asubira gukora icaha, araheza avuga yigaya kandi ati: "Ewe Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Umbabarire icaha nakoze", Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Ica Ivuga Imwakiriza yompi Iti: "Umuja wanje yakoze icaha, aca amenya ko afise Imana Rurema Ibabarira icaha, Ishoboye no kugihanira". Imana Allah rero Iraheza Imuhumuriza Iti: "Muja wanje! Kora ivyo ushaka, ni ukuri Namaze kukubabarira ivyaha vyawe"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
hari abantu mu ngendanyi z'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) bigeze kumubwira n'impungenge n'akantu bati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Abatunzi baramaze gutwara indishi zose, basenga nk'uko dusenga, bagapfunga nk'uko dupfunga, bagaheza bagatanga imperezwa mu birenzeko mu matungo yabo"; aca abishura abahumuriza ati: "None burya Imana Allah ntiyabahaye ivyo mwotangako imperezwa!? Mu vy'ukuri, ininahaza n'itaziramana ryose "TASBIIH", ni imperezwa; ikuzamana ryose "TAKBIIR", ni imperezwa; ishimagizamana ryose "TAHMIID", ni imperezwa; iyemanga ry'uko Imana Allah ari Imwe Rudende "TAHLIIL", ni imperezwa; ukubwiriza abantu gukora ivyiza, ni imperezwa; ukubuza abantu gukora ibibi, ni imperezwa; vyongeye, no mu kurangura amabanga y'abubatse, harimwo imperezwa". Ba bantu baca bavuga mu gutangara n'akantu bati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Vyumvikana gute ko umwe muri twebwe arangura amabanga y'abubatse mu kurondera kuryoherwa, hanyuma akabironkeramwo impera!?"; aca arabishura ibagondoza iti: "Mbega none mubona gute mu gihe yoronderera ukwo kuryoherwa mu bizira (mu gusambana), yokwandikirwa icaha?, ni nk'uko nyene rero no mu gihe aronderereye ukwo kuryoherwa mu birekuwe, araheza akandikirwa indishi".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu