Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

5 of 183 cards

Clear filters
"Umusi umwe hari umugabo yaje ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca amubaza ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ni ibihe bintu bibiri bituma umuntu ategerezwa kwinjira mu Bwami bw'ijuru canke mu muriro?". Intumwa (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica imwishura iti: "Uwupfuye atigeze abangikanya Imana Allah n'ikintu na kimwe mu biremwa, ategerezwa kuzokwinjira mu Bwami bw'ijuru, nayo uwupfuye yarabangikanije Imana Allah n'ikintu na kimwe mu biremwa, ategerezwa kuzokwinjira mu muriro"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Igihe kimwe Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yari ampetse ku ndogobwe yitwa Ufairu, aca avuga ati: "Ewe Mu'aadhi! Woba uzi agateka k'Imana Allah Ifise ku baja bayo, n'agateka k'abaja bayo bafise kuri Yo?". Naciye mvuga nti: "Imana Allah n'Intumwa yayo, ni bo bazi gusumba, nayo jewe nta nyishu mfise". Aca arishura ati: "Mu vy'ukuri, agateka k'Imana Allah Ifise ku baja bayo, ni uko bayiyegereza mu vyo bakora vyose bakanayisenga batayibangikanya na kimwe mu biremwa; nayo agateka k'abaja bayo bayifiseko, ni uko Itazohana uwutayibangikanya na kimwe mu biremwa". Naciye mvuga nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! None ubwo sinomenyesha abantu iyi nkuru nziza!?". Yaciye ivuga iti: "Eka! Ntuyibamenyeshe ku kwanka ko bokwijajara bakayifatirako maze bagaca badebukirwa mu bikorwa nyegerezamana"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Mu vy'ukuri, Imana Allah Izofata umuntu umwe mu bantu narungitsweko, kugira Imuharurire ishengero ry'ibiremwa rikoraniye ng'aho ku musi w'izuka, aheze yugururirwe ibitabu mirongo icenda c'icenda vyanditswemwo ivyo yakoze vyose, kimwe cose muri vyo kizoba ari kirekire kireha n'ibuheramaso, hanyuma Imana Allah Ibwire nya muntu Iti: "Muri ibi vyose, hari na kimwe uhakana? Abanditsi banje babungabunga ibikorwa vy'ibiremwa, hari na kimwe bakurenganijeko!?". Wa muntu azoheza yishure ati: "Mana yanje Rurema! Habe namba". Imana Allah Izoca Imubaza Iti: "None hari ico wokwireguza ku vyo wakoze?". Wa muntu aheze yishure ati: "Mana yanje Rurema! Ihibambewe, nta co mfise nokwireguza". Maze Imana Allah Ice Imubwira Iti: "Ego cane, urafise ico wokwireguza, mu vy'ukuri urafise iciza twakuzigamiye, kukaba nkako kuri uno musi, nta na kimwe urenganywako". Hazoca herekanwa agatabu kanditsemwo gati: "ASH-HADU AN LAA ILAAHA ILLA LLAAH, WA-ASH-HADU ANNA MUHAMMADA ABDUHU WARASUULUH". Imana Allah Ishoke Ivuga Iti: "Genda rero upimirwe ku munzane ivyo wakoze". Wa muntu azokwitangaza maze avuga ati: "Mana yanje Rurema Allah! Agatabu nk'aka gapimwe hambavu y'ibitabu nk'ibi bingana amahanga!?". Imana Allah Izomwishura Imuhumuriza Iti: "Mu vy'ukuri, wewe nturenganywa na mba". Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati: "Ico gihe rero vya bitabu amahanga bizoshirwa kw'isahani y'umunzane, ka gatabu nako gashirwe kw'isanani y'urundi ruhande rw'umunzane, maze nya bitabu bice bihwahuka, ka gatabu na ko gace karemera ku munzane, kanatsinda nta kintu coza kiremereye namba gusumba izina ry'Imana Allah"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy na Ibnu Maajah
Igihe kimwe haraje umuntu ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: Ewe Ntumwa y'Imana! Nta gicumuro eka nta n'icaha rutura kibaho, kiretse ko mu vy'ukuri namaze kugikora. Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yamubajije ati: "None ntiwemera ku mushaha ukatura n'ururimi, wemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Imana Imwe Rudende Allah, ukemera n'uko Muhamadi ari Intumwa y'Imana?". Ico kibazo yagisubiyemwo incuro zitatu. Wa muntu yishura ati: "Ego cane ndavyemera". Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yamubwiye amuhumuriza ati: "Mu vy'ukuri, ukwo kwemera gutuma hababarirwa ibicumuro n'ivyaha".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Abu Ya'laa, Al-Twabaraaniy na Al-Dwiyaa-u Al-Maqdisiy
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ibwira Sewabo iti: "Vuga uti: "LAA ILAAHA ILLA LLAAH", nanje nzoheza ndakubere icabona ntuzohanwe ku musi w'izuka", Sewabo aca avuga ati: "Iyo hataba ukwanka ko Abaqurayishi bonebagura bakavuga bati: "Yabivuze kubera ubwoba n'intege nke", ni ukuri nari kubivuga maze bikaguhimbara". Imana Allah Yaciye Ihishura Iti: {Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri wewe, ntushobora kurongora uwo ukunda ngo umushoboze kwemera; ariko Imana Allah, Irongora uwo Ishatse Igaheza Ikamushoboza kwemera} (Al-Qaswasw: 56).
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu