Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

3 of 183 cards

Clear filters
"Uwukemuriye umwemeramana ikibazo mu kumukura mu vyago vyo kw'isi, Imana Allah Izomukemurira ibibazo mu kumukura mu vyago vyo ku musi w'izuka; uwutezuriye na we uwunaniwe mu kumworohereza mu bimubakiye (ibimugoye), Imana Allah Izomutezurira mu kumworohereza mu bimubakiye (ibimugoye) mu buzima bwo kw'isi no mu bw'inyuma yo gupfa; uwugumirije akabanga umwislamu, Imana Allah Izomugumiriza akabanga mu buzima bwo kw'isi no mu bw'inyuma yo gupfa; kandi rero burya Imana Allah ntihengeshanya gufasha umuja wayo mu gihe cose na we aba agishishikara gufasha mwenewabo; uwufashe inzira yo kuja kurondera ubumenyi, Imana Allah Iramworohereza inzira imushikana mu Bwami bw'ijuru; nta bantu bahurira muri imwe mu nzu z'Imana Allah bagaheza bagasoma bakanigishanya Igitabu cayo ca Qor'ani, kiretse ko abo bantu bururukirwa n'ituze, iteka n'itekane, bagahundagazwako impuhwe, bagakikuzwa n'abamalayika, Imana Allah na Yo Ikabahayagiza ku bari iwayo mu baja bayo, burya uwuzingamitswe n'ibikorwa vyiwe akabura ico yimariye, icubahiro c'ubwoko n'inkomoko vyiwe ntibizomushikana ku cubahiro c'aberanda".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Mu vy'ukuri, biri mu bimenyetso bizokwibonekeza vyerekana ko umuhero w'isi ugiye gushika: ubumenyi nya bumenyi buzogenda amazimayongo, ubujuju bwake indaro (buzogwirirana), ubusambanyi buzokwiragira, ukunywa inzoga kuzogwirirana, abagabo bazokeha, abagore na bo bazogwirirana kugeza y'aho abagore mirongo itanu bahagarikirwa n'umuhagarikizi umwe w'umugabo"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Ewe Se wa Al-Mundhiri! Mbega urazi Aayah ihambaye cane ufise iri mu Gitabu c'Imana Allah, iyo ari yo?". Ubayyi yavuze ati: "Maze nca mvuga nti: "Imana Allah hamwe n'Intumwa yayo ni Bo bazi kurusha"". Ica irasubira kumbaza ivuga iti: "Ewe Se wa Al-Mundhiri! Mbega urazi Aayah ihambaye cane ufise iri mu Gitabu c'Imana Allah, iyo ari yo?". Ubayyi yavuze ati: "Aho naciye mvuga nishura nti ni: {ALLAAHU LAA ILAAHA ILLAA HUWA L-HAYYU L-QAYYUUM}" (Al-Baqara: 255). Ubayyi yavuze ati: "Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye ikubita ku gikiriza canje, ica ivuga iti: "Ndarahiye kw'izina ry'Imana Allah mvuga nti: "Ewe Se wa Al-Mundhiri! Urakaberwa n'ubumenyi, Urakagira ubumenyi""".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu