Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

39 of 183 cards

Clear filters
"Naravuze mbaza nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mbwira mu vyerekeye ubwislamu, ijambo ntazobaza uwundi muntu n'umwe atari wewe". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yishuye iti: "Vuga uti: "Naremeye Imana Allah", hanyuma ugororoke mu gutsimbatara kw'idini"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Iyo abislamu babiri bakuye imipanga (canke inkota zabo) mu rwubati ngo barwane, maze umwe muri bo akica mugenziwe, uwishe n'uwishwe bose bazoja mu muriro". Naciye mvuga mbaza nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ku wishe, birumvikana igitumye ahanwa, none uwishwe wewe azira iki?". Yaciye yishura ivuga iti: "Azira ko na we nyene yari arajwe ishinga n'ukwica mugenziwe iyo atamwitanga"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Umuriro udahera wakikujwe n'ibikundwa n'abantu mu bisayangana vy'isi; Ubwami bw'ijuru na bwo bwakikujwe n'ibidakundwa n'abantu mu vy'isi".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy
"Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, Nyenimigisha-ntangere Yavuze Iti: Jewe ndi Nyawikwije Azira ibangikanywa. Kubera ivyo, uwo wese agize ico akora akimbangikanijeko n'ikindi kintu, nca ndamurekera nya gikorwa nkamutererana n'ico yambangikanije".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Ukwihumanura ni igice c'ukwemera; ishimagizwa ry'Imana Allah mu kuvuga uti: "AL-HAMDU LILLAAH" na ryo ryuzuza umunzane mu ndishi; ininahazamana hamwe n'ishimagizwa ry'Imana Allah mu kuvuga uti: "SUB-HAANA LLAAHI WAL-HAMDU LILLAAH" na vyo, vyuzuza ikirere kiri hagati y'isi n'amajuru mu ndishi; isengesho-bwirizwa na ryo ni umuco uboneshereza uwurisenga; imperezwa na yo ni icemezo c'ukwemera; ukwihangana na kwo ni itara ryakiriza umuntu mu vyago; Qor'ani na yo kuri wewe, ni icabona canke icagiriji; burya rero abantu bose bazinduka bagenda, maze muri bo hakaba uwugurisha umushaha wiwe mu kuwurokora mu muriro canke mu kuwuhonya akawutayo".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Mu vyukuri, Imana Allah ntiraba ingene musa n'uko muremye, eka ntinaraba amatungo yanyu, ariko Iraba ibiri mu mitima yanyu hamwe n'ibikorwa vyanyu vyiza mwakoze".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Burya Ubwami bw'ijuru, buri hafi cane y'umwe muri mwebwe kurusha umugozi w'ikirato yambaye. Kukaba nkako, n'umuriro udahera, ni ukwo nyene"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy
"Nta n'umwe muri mwebwe yokwemera bikwiye atabanje kunkunda kuruta kurya akunda umuvyeyi wiwe, umwana wiwe, eka mbere kuruta kurya akunda abantu bose".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu