Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

28 of 183 cards

Clear filters
"Ukwihumanura ni igice c'ukwemera, ishimagizwa ry'Imana Allah mu kuvuga uti: "AL-HAMDU LILLAAH" na ryo ryuzuza umunzane mu ndishi, ininahazamana hamwe n'ishimagizwa ry'Imana Allah mu kuvuga uti: "SUB-HAANA LLAAHI WAL-HAMDU LILLAAH" na vyo vyuzuza ikirere kiri hagati y'isi n'amajuru mu ndishi, isengesho-bwirizwa na ryo ni umuco uboneshereza uwurisenga, imperezwa na yo ni icemezo c'ukwemera, ukwihangana na kwo ni itara ryakiriza umuntu mu vyago, Qor'ani na yo kuri wewe, ni icabona canke icagiriji, burya rero abantu bose bazinduka bagenda, maze muri bo hakaba uwugurisha umushaha wiwe mu kuwurokora mu muriro canke mu kuwuhonya akawutayo".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Uwuzohura n'Imana Allah atigeze ayibangikanya n'ikintu na kimwe, azokwinjira mu Bwami bw'ijuru. Nayo uwuzohura na Yo yarayibangikanije, azokwinjira mu muriro udahera".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Amajambo akundwa cane n'Imana Allah gusumba ayandi, ni ane: ukuvuga uti: "SUB-HAANA LLAAH", na "AL-HAMDU LILLAAH", na "LAA ILAAHA ILLA LLAAH", hamwe rero na "ALLAHU AKBAR", uguhera kw'ijambo iryo ari ryo ryose rero muri yo, nta co bigutwara".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Narigeze kubaza Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ku bijanye n'iciza n'igicumuro, ivyo ari vyo, ica yishura iti: "Iciza, ni umuntu kurangwa n'imigenzo myiza; igicumora na co, ni kirya giteye amadidane mu gikiriza cawe, ukanka n'uko abantu bomenya ko wagikoze"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Igihe umuntu aba ari hafi cane y'Imana yiwe Rurema Allah, ni igihe yubamye. Enda rero nyabuna, rushirizaho rero gusaba kenshi mu gihe mwubamye".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
"Mu vy'ukuri, ni ukuri ibirekuwe birazwi mw'idini biranatomoye; kandi ni ukuri n'ibizira birazwi biranatomoye. Ariko rero n'uko biri ukwo, hagati y'ibi na biriya hari ibintu biteye amazinda, ndetse abenshi mu bantu ntibazi ingingo zivyerekeye. Kubera ivyo rero, uwuzokwirinda kugwa mu biteye amazinda, azoba akingiye idini ryiwe n'icubahiro ciwe; nayo uwuzogwa mu biteye amazinda, azoba aguye mu bizira; nka kurya kw'umwungere aragiriye ku nkengera y'itongo rikingiwe ritavogerwa, ahakwa kwonesha muri nya tongo. Enda rero bantu nimwumve mwumvireho! Ni ukuri, burya umwami wese aba afise itongo rikingiwe ritavogerwa. Bantu nimwumve mwumvireho! Ni ukuri, burya itongo ry'Imana Allah rikingiwe ritavogerwa, ni birya bizira Yaziririje. Bantu nimwumve mwumvireho! Ni ukuri, burya mu mubiri w'umuntu harimwo igihimba c'inyama, iyo gitunganye umubiri wose uraheza ugatungana; iyo naho cononekaye, umubiri wose uraheza ukononekara. Bantu nimwumve mwumvireho! Ico gihimba c'inyama si ikindi, ni umutima".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Naravuze mbaza nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mbwira mu vyerekeye ubwislamu, ijambo ntazobaza uwundi muntu n'umwe atari wewe". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yishuye iti: "Vuga uti: "Naremeye Imana Allah", hanyuma ugororoke mu gutsimbatara kw'idini"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu na Ahmad
"Mu vy'ukuri, ibikorwa vyose bihabwa impembo hisunzwe izirikana-gikorwa vyakoranwe; kandi burya mu vy'ukuri, umwe wese arafise ku mushaha wiwe ico yazirikanye, uwo wese rero ukwimuka kwiwe kuzoba ari ku bw'Imana Allah n'Intumwa yayo, ukwimuka kwiwe kuzokwakirwa ku bw'Imana Allah n'Intumwa yayo. Nayo uwuzoba ukwimuka kwiwe ari ku bw'isi n'ibihendamaso vyayo arondera, canke kukaba ari ku mvo z'ugukurikira umugore ashaka kwubakana nawe, ukwimuka kwiwe kuzokwakirwa ku mvo z'ivyatumye yimuka"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe n'indongozi zibiri z'abanonosoye ibijanye n'inyigisho n'imgenzi y'intumwa: Abu Abdillaahi Muhamadi mwene Ismaa'iil mwene Ibraahiim mwene Al-Mughiirah mwene Bardazbah, azwi cane kw'izina rya Al-Bukhaariy, na Abu Al-Husain azwi kw'izina rya Muslimu mwene Al-Hajjaaj mwene Muslim Al-Qushayriy Al-Naysaabuuriy, mu bitabu vyabo vyitwa "Swahiih", vyompi bikaba ari vyo bitabu vyanditswe mu bijanye n'inyigisho n'imigenzo y'intumwa yizewe kandi yemewe