Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

5 of 183 cards

Clear filters
"Iciza, ni umuntu kurangwa n'imigenzo myiza; nayo igicumuro na co, ni kirya cose gitera amazinda mu gikiriza cawe, ukanka n'uko abantu bomenya ko wagikoze".
Inyigishi y'intumwa yemewe Inyigisho ya mbere y'intumwa yashikirijwe na Muslimu, iya kabiri yashikirijwe na Ahmad na Al-Daarimiy
"Mwene Adamu ntibirashika aho yuzuza icombo kibi kuri we coza gisumba inda, birakwiye kuri mwene Adamu rero kuba yokwivuna inzara mu gufungura duke tumubeshaho, vyoba ngombwa ko arenzako mu guhaga, akagenera ica gatatu c'umushishito wiwe imfungurwa, ikindi ca gatatu akakigenera ibinyobwa, ica gatatu gisigaye akagisigira uguhema"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Imam Ahmad, Al-Tirmidhiy, Al-Nasaa-iy na Ibnu Maajah
"Naravuze mbaza nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mbwira mu vyerekeye ubwislamu, ijambo ntazobaza uwundi muntu n'umwe atari wewe". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yishuye iti: "Vuga uti: "Naremeye Imana Allah", hanyuma ugororoke mu gutsimbatara kw'idini"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu na Ahmad
"Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarigeze kubazwa ku bintu kenshi na kenshi bizotuma abantu binjira mu Bwami bw'ijuru, ica yishura ivuga iti: "Igamburukiramana hamwe rero n'umuntu kurangwa n'ingeso nziza". Yaranabajijwe ku bintu kenshi na kenshi bizotuma abantu binjira mu muriro, ica yishura ivuga iti: "Akarimi ku muntu hamwe rero n'igitsina"".
Inyigisho nziza y'intumwa kandi yemewe Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy, Ibnu Maajah na Ahmad
"Imana Allah Yaratanze akarorero k'inzira igororotse, ku mpande zose za nya nzira hari insika zibiri ziriko imiryango yuguruye; kuri nya miryango na ho hariko Ibizibizo bimanitswe; ku ntango ya nya nzira na ho hari umuraritsi ahamagara avuga ati: "Emwe bantu! Enda nyabuna mwese nimuce muri iyi nzira, ntimuhirahire ngo muce ku mpande zayo!". Hakaba n'uwundi muraritsi ahamagarira hejuru ya nya nzira, maze hagira uwushatse kwugurura umuryango muri ya miryango, agaca yamama avuga ati: "Ntuhirahire ngo uwugurure, kuko niwaramuka uwuguruye uca winjira". Iyo nzira rero, ni ubwislamu; nayo insika zibiri ziri ku mpande zayo, ni imbibe z'amabwirizwa y'Imana Allah; iyo miryango yuguruye na yo, ni ivyaziririjwe n'Imana Allah; uyo muraritsi na we ahamagara ku ntango y'iyo nzira na we, ni Igitabu c'Imana Allah ca Qor'ani; nayo umuraritsi ahamagarira hejuru y'iyo nzira, akaba ari umushaha mwibutsamana uri mu mutima wa buri mwislamu".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy na Ahmad