Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

4 of 183 cards

Clear filters
"Umusi umwe Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarahagurutse iraheza idushikiriza inyigisho (iduha impanuro) nkoramutima zadushitse ku nyota, maze imitima iroroha iratinya, amosozi na yo arakoroka mu maso, duca twumva uwuvuze ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Waduhaye impanuro nkoramutima nk'iz'umuntu ariko araraga, enda rero duhe isezerano tuzoheza tukisunga utakiriho". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica ivuga iti: "Nimutsimbatare kw'igamburukiramana, ukwumva n'ukwumvira indongozi, n'aho indongozi ibarongoye yoba ari umuja w'umwirabure aturuka muri Egiputa; burya mu nyuma zanje muzobona ukudahuza mu guhazana kenshi mu vyiyumviro, nivyabashikira rero muraheza muce mwisunga inyigisho n'imigenzo yanje, hamwe rero n'imigenzo y'ingendanyi zanje z'abagororotsi zigendera ukuri. Izo nyigisho n'imigenzo rero ndababwiye, murazigumya n'ibijigo mutarekura mu kuzigendera, muheze kandi mwirinde ibintu vy'ivyadukano; kuko icadukano ico ari co cose, ni ubuhuvyi"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Abu Dawudi, Al-Tirmidhiy, Ibnu Maajah na Ahmad
"Bantu! Enda nimuntege amatwi mwumve, mbega burya ntibizoshika ko umuntu ashikirwa n'inyigisho yakiriwe ivuye kuri jewe, yiyicariye ku nyegamo yiwe agashoka avuga ati: "Ico dukwiye kwisunga twebwe na mwebwe, ni Igitabu c'Imana Allah, turamutse dusanze muri co ingingo z'ibirekuwe tuzobikora; turamutse naho dusanzemwo ingingo z'ibizira, tuzobiziririza". Burya rero mu vy'ukuri, ivyaziririjwe n'Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ni nk'ivyaziririjwe n'Imana Allah".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Abu Dawudi, Al-Tirmidhiy na Ibnu Maajah
"Ndabasigiye iragi ry'uko mwotsimbatara kw'igamburukiramana, ukwumva n'ukwumvira indongozi, n'aho indongozi ibarongoye yoba ari umuja, burya uwuzobaho akaramba muri mwebwe mu nyuma zanje, azobona ukudahuza mu guhazana kenshi mu vyiyumviro, nivyabashikira rero muraheza muce mwisunga inyigisho n'imigenzo vyanje, hamwe rero n'imigenzo y'ingendanyi zanje z'abagororotsi zigendera ukuri, izo nyigisho n'imigenzo rero ndababwiye, murazigumya n'ibijigo mu kuzigendera mutarekura, muraheza kandi mwirinde ibintu vy'ivyadukona; kuko icadukano ico ari co cose, ni ubuhuvyi"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Abu Dawudi na Al-Tirmidhiy
"Murashikiriza ivyo mwanyabuyeko (mwanyakiriyeko), n'aho yoba ari Aayah imwe gusa. Nta kabi ko mwiganira abantu inyigisho zakiriwe kuri Bene Israyeli mu gihe zidateye kubiri n'ivyo nigishije. Uwo wese rero, azombeshera nkana mu gushikiriza inyigisho y'irementanya ntigeze nigisha araheza rero yitegurire icicaro c'ibihano mu muriro udahera".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy