Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

3 of 183 cards

Clear filters
"Umusi umwe Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarahagurutse iraheza idushikiriza inyigisho (iduha impanuro) nkoramutima zadushitse ku nyota, maze imitima iroroha iratinya, amosozi na yo arakoroka mu maso, duca twumva uwuvuze ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Waduhaye impanuro nkoramutima nk'iz'umuntu ariko araraga, enda rero duhe isezerano tuzoheza tukisunga utakiriho". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica ivuga iti: "Nimutsimbatare kw'igamburukiramana, ukwumva n'ukwumvira indongozi, n'aho indongozi ibarongoye yoba ari umuja w'umwirabure aturuka muri Egiputa; burya mu nyuma zanje muzobona ukudahuza mu guhazana kenshi mu vyiyumviro, nivyabashikira rero muraheza muce mwisunga inyigisho n'imigenzo yanje, hamwe rero n'imigenzo y'ingendanyi zanje z'abagororotsi zigendera ukuri. Izo nyigisho n'imigenzo rero ndababwiye, murazigumya n'ibijigo mutarekura mu kuzigendera, muheze kandi mwirinde ibintu vy'ivyadukano; kuko icadukano ico ari co cose, ni ubuhuvyi"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Abu Dawudi, Al-Tirmidhiy, Ibnu Maajah na Ahmad
"Ndabasigiye iragi ry'uko mwotsimbatara kw'igamburukiramana, ukwumva n'ukwumvira indongozi, n'aho indongozi ibarongoye yoba ari umuja, burya uwuzobaho akaramba muri mwebwe mu nyuma zanje, azobona ukudahuza mu guhazana kenshi mu vyiyumviro, nivyabashikira rero muraheza muce mwisunga inyigisho n'imigenzo vyanje, hamwe rero n'imigenzo y'ingendanyi zanje z'abagororotsi zigendera ukuri, izo nyigisho n'imigenzo rero ndababwiye, murazigumya n'ibijigo mu kuzigendera mutarekura, muraheza kandi mwirinde ibintu vy'ivyadukona; kuko icadukano ico ari co cose, ni ubuhuvyi"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Abu Dawudi na Al-Tirmidhiy
"Narumvise Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), hasigaye amajoro atanu ngo ahwere (imbere yuko ahwera ku majoro atanu), ariko aravuga ati: " Mu vy'ukuri, jewe ndiyejeje ku Mana Allah kuba nogira umukunzi nkoramutima muri mwebwe, kuko mu vy'ukuri Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yangize umukunzi nkoramutima wayo; nka kurya Yagize Ibrahimu umukunzi nkoramutima wayo; iyo rero nza kuba nogira umukunzi nkoramutima mu bo narungitsweko, nari kugira Abu Bakari umukunzi nkoramutima wanje. Bantu! Nimwumve mwumvireho, mu vy'ukuri mu bantu bo hambere yanyu, harabayemwo abagira imva z'Abavugishwamana babo n'iz'aberanda muri bo, kuba imisigiti. Bantu! Nimwumve mwumvireho, ntimukagire imva kuba imisigiti, n'ukuri jewe ndabibihanikirije (ndabibabujije)"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu