Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

4 of 183 cards

Clear filters
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yasomye iyi Aayah: {Ntumwa y’Imana! Ni Yo Yonyene Yakumanuriye Qor’ani; muri yo harimwo Aayah zitomoye cane mu nsiguro, ni zo shimikiro yisungwa iyo hagize ikibadidanira mu nsiguro. Harimwo rero n’izindi Aayah zifobetse, zishobora kugira insiguro iyi n’iyindi, gutyo insiguro yazo nyayo ikagenwa na Aayah zitomoye. Abafise rero imitima yahuvye, baraheza bagakurikira muri zo Aayah zifobetse gusa, barondera guta abantu mu madidane (mu rudubi) ngo babahuvye, mu ntumbero ihuye n’insiguro bipfuza. Nta n’uwuzi insiguro nyayo y’ukuri ya Aayah zifobetse atari Imana Allah. Abamenyi babushitse na bo bavuga bati: “Twaremeye Qor’ani, ibirimwo vyose vyadushikiriye bivuye ku Mana yacu Rurema Allah”, bagaheza bagatahura insiguro ya Aayah zifobetse bisunze insiguro ya Aayah zitomoye, kandi rero nta wutahura insiguro yazo nyayo atari incabwenge koko} (Aali Imraani: 7), Aisha yavuze ati: "Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) imaze kuyisoma ica ivuga iti: "Ewe Aisha! Niwabona rero abakurikira muri Qor'ani Aayah zifobetse gusa, uramenya ko ari bo Imana Allah Yavuze (muri iyi Aayah), muraheza rero mubiyubare"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Umuhero w'isi, ntuzoshika izuba ritabanje guserukira mu burengero bwaryo; igihe rero ryaserukiyeyo abantu bose bazoca bemera; ico ni co gihe Imana Allah Ivugako Iti: {Ico gihe kigeze, ukwemera kw’umuntu atigeze yemera imbere y’ico gihe, nta co kuzomumarira. Aramutse yemeye naho, ibikorwa vyiza atigeze akora imbere y’ico gihe, nta co bizomumarira} [Al-An'aam: 158]; ni ukuri umuhero w'isi uzogera usange abagabo babiri bariko bacirirana igiciro c'impuzu, ntibazoheza ngo baheraheze ubuguzi hagati yabo, eka ntibazonaronka akanya ngo bazinge nya mpuzu; ni ukuri umuhero w'isi uzogera usange umuntu yagiye gukama ingamiya yiwe, ntazoheza ngo anywe amata yayo; ni ukuri umuhero w'isi uzogera usange umuntu ariko arasanura urugomero rwiwe, ntazoheza ngo arunyweko; ni ukuri umuhero w'isi uzogera usange umwe muri mwebwe agejeje utwo atamira ku munwa, ntazoheza ngo adufungure".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
"Urupfu ruzozanwa mw'ishusho ry'intama inuze, haheze hararike umuraritsi ati: "Emwe bantu bo mu Bwami bw'ijuru! Ba bantu bace beraguza baraba hirya n'ino, aheze rero ababaze avuga ati: "Mbega mwoba muzi iki ico ari co?", na bo bace bishura bati: "Ego cane, turakizi! Uru ni rwa rupfu"; kandi aho bose bazoba barwiboneye ukuri kwamye, hanyuma hararike umuraritsi ati: "Emwe bantu bo mu muriro udahera! Ba bantu bace beraguza baraba hirya n'ino, aheze ababaze ati: "Mbega none mwoba muzi iki ico ari co?", na bo bace bishura bati: "Ego cane turakizi! Uru ni rwa rupfu"; kandi aho bose bazoba barwiboneye ukuri kwamye, maze nya rupfu ruri mw'ishusho ry'intama, ruce rukererwa, hanyuma wa muraritsi ace avuga ati: "Emwe bantu bo mu Bwami bw'ijuru! Murafise kubaho ubutagipfa ubuzima budashira, na mwe nyene bantu bo mu muriro udahera! Murafise kubaho ubutagipfa ubuzima budashira". Mu nyuma rero Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye asoma iyi Aayah ati: {Ntumwa y’Imana! Gabisha abantu ku bihano vy’umusi wo kwicuza, igihe baciriwe urugororotse, urupfu rukazanwa mw’ishusho ry’intama inuze rugakererwa, maze abantu bagaheza bagatunganirizwa; abemeramana bakaja mu Bwami bw’ijuru, abagarariji na bo bakaja mu muriro; ivyo bizoba ukwo, mu gihe abantu kuri iyi si bagoswe mu kutumva igabisha ryawe} (Mar-yam: 39), abo rero ni bo bantu bagoswe kuri iyi si {gutyo bakareka kwemera no gukora ibikorwa vyiza bitegetswe} (Mar-yam: 39)"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yahurijweko na Al-Bukhaariy na Muslimu
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) igihe agiye ku busaswa buri joro yama aca yegeranya ibiganza, hanyuma akabihuhamwo nk'uwuvuma, agaca abisomerako {QUL HUWA LLAAHU AHAD} na {QUL A'UUDHU BIRABBI L-FALAQ} hamwe rero na {QUL A'UUDHU BIRABBI NNAAS}, hanyuma agaca ahanaguza nya biganza ku mubiri wiwe aho ashoboye kugeza, maze agahera ku mutwe no mu maso, hayuma agatera amanuka ku mubiri w'imbere. Ivyo yabigira incuro zitatu.
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy