"Ininahaza n'itaziramana ryiza cane gusumba izindi, ni ijambo LAA ILAAHA ILLA LLAAH. Nayo igisabisho ciza cane gusumba ibindi, ni ijambo AL-HAMDU LILLAAH"".
Mu vyakiriwe na Jaabiri (Imana Allah Imwishimire), yavuze ati: "Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti:
"Ininahaza n'itaziramana ryiza cane gusumba izindi, ni ijambo LAA ILAAHA ILLA LLAAH. Nayo igisabisho ciza cane gusumba ibindi, ni ijambo AL-HAMDU LILLAAH"".
«أَفْضَلُ الذِّكْرِ: لَا إِلَهَ إِلَّا اللهُ، وَأَفْضَلُ الدُّعَاءِ: الْحَمْدُ لِلهِ».
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko ininahaza n'itaziramana ryiza cane gusumba ayandi, ari uko umuntu yovuga ati: "LAA ILAAHA ILLA LLAAH"; iryo jambo rikaba risigura ko ata gikwiye gusengwa vy'ukuri atari Imana Allah. Akatwiganira kandi ko igisabisho ciza cane gusumba ibindi ari uko umuntu yovuga ati: "AL-HAMDU LILLAAH"; iryo jambo rikaba ari iry'ukwemenga ko Umuhanyi w'inema zose ari Imana Allah Nyenukuninahazwa, Ikwiye gushimagizwa mu guhabwa amatazirano atunganye kandi meza.
...:
Guhimiriza abantu kurushirizaho kuninahaza no gutazira Imana Allah ku bwinshi hakoreshejwe ijambo ry'ukwemanga ko ari yo Mana Imwe Rudende, hamwe rero n'ukuyisaba mu kuyishimagiza.
Igitabu "Sunanu Al-Tirmidhiy" (5/ 393) (3383).
Ivyiyongeyeko (4)
نزهة المتقين شرح رياض الصالحين.
لمصطفى الخِن وغيره (2/ 984).
زاد المعاد في هدي خير العباد.
ابن قيم الجوزية (1/ 36).