Skip to content
183 Hadiths

Encyclopedia of Prophetic Hadiths

Filter results

4 of 183 cards

Clear filters
Filter
"Uwo wese azoharanira agateka n'icubahiro vya mwenewabo, mu kumwishurira ibimuvugwako atari ho ari, Imana Allah Izomukingira umuriro ku musi w'izuka ry'ibiremwa".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Tirmidhiy na Ahmad
التصنيف الشرعيالمجتمع المسلم، فضائل الأعمال الصالحة، الأخلاق الحميدةموضوعات الحديثموالاة المؤمنين
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Mu vy'ukuri, Imana Allah Yavuze Iti: "Umuntu uwo ari we wese azobangamira umutoni wanje, ni ukuri, naramaze kumusezeranira indwano, burya nta muja wanje anyiyegereza mu gukora ivyo Nkunda kurusha, vyoza bisumba kunyiyegereza mu gukora ivyo Namubwirije; kandi umuja wanje ntahengeshanya kuguma anyiyegereza mu gukora ibikorwa-nyongera, gushika n'aho Ndamukunda. Iyo Maze kumunda rero, Nca Ndamubera ugutwi kwiwe akoresha mu kwumva, n'amaso yiwe akoresha mu kubona, n'ukuboko kwiwe akoresha mu gufata, n'ukuguru kwiwe akoresha mu kugendagenda; n'iyo hagize ico ansaba, ni ukuri Ndakimuha. N'iyo anyiyambaje ngo Ndamukingire, ni ukuri Ndamukingira, kandi rero sinigera ngonanwa ku kintu nshatse gukora, n'uko ngonanwa ku mutima w'umwemeramana iyo nshatse ko ahwera, kandi na we rero yanka gupfa, nanje nkanka kumushavuza"".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Al-Bukhaariy
التصنيف الشرعيأحكام الولاء والبراء، فضائل الأعمال الصالحة، أحوال الصالحين، توحيد الأسماء والصفاتموضوعات الحديثالدعاء، معاداة أولياء الله وأذيتهم، المحبة
"Uwusenze isengesho ryo mu mutwenzi, aba akingiwe mu budahangarwa bw'Imana Allah, ni ukuri muriyubara rero, ko Imana Allah Ibabaza ku kintu ico ari co cose kijanye n'agateka kayo mwahonyanze mu gihe Ibakingiye mu budahangarwa bwayo; kuko mu vy'ukuri, uwo wese Izoramuka Ibajije ku kintu ico ari co cose kijanye n'agateka kayo yahonyanze, nta kibuza Izomucakira, hanyuma Imute mu muriro wa Jahannamu agwire mu maso hiwe (yubitse inda)".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Muslimu
التصنيف الشرعيوجوب الصلاة وفضلها وحكم تاركهاموضوعات الحديثالظلم، معاداة أولياء الله وأذيتهم، مكانة الصلاة وفضلها
"Umuntu niyakunda mwenewabo araheza amubwire ko amukunda".
Inyigishi y'intumwa yemewe Yashikirijwe na Abu Dawudi, Al-Tirmidhiy na Al-Nasaa-iy mu gutabu "Sunanu l-Kubraa" na Ahmad
التصنيف الشرعيالأخلاق الحميدة، آداب الكلام والصمتموضوعات الحديثالحب في الله والبغض في اللهمحاور التعريف بالإسلاممحاسن الأخلاق